Nyangemanya
Vyanditswe na Sophonie Hicuburundi
Uwo musi nari kumwe n’urunganwe rwanje tuvuye gusenya inkwi mu kibira ca Ruvubu, bamwe tugenda turaririmba kugira twiyibagize uburuhe bwava ku mudugo twacako twikoreye imiganda y’inkwi zumye. Dushitse mw’itaba twegeka ya miganda ku giti cari hafi y’akayira kugira tubanze turuhuke kuko urugendo rwari rusigaye ntirwari rugufi, maze tucicara hasi Bukuru akura mw’isaho yiwe amanazi hamwe n’inkere dutangura gusangira tunezerewe ata co twinona nk’aho umengo twari twamaze gushika mu rugo. Haciye akanya gato ni ho Nzimenya, umuhungu yari adukuriye mu myaka no mu gikuriro, yatubwira yuko hageze ko tubandanya urugendo kugira dushike muhira hakiri kare. Twaramwumviye maze dufata ingata zacu twiremeka ya miganda tubandanya inzira idushikana muhira. Twarabandanije urugendo imbere y’uko izuba rirenga kuko iyo butanguye guhwibira ibikoko vyaca bitangura gusokoroka mu bisaka no mu bisumanyenzi kuko umurango w’ibikoko waba ugeze. Tugeze hafi y’imihana turikebanurana maze umwe wese yerekeza mu rugo iwabo n’umuganda wiwe.
Nzimenya agishika muhira asanga nyina wiwe Nyangemanya ariko arasukura ivyakunze maze aramuramutsa ati :
- Mwiriwe ma !
- Mwiriwe muhungu wanje! Mwoba mwese mwashitse impore na bagenzawe ?
Nzimenya atangura kwiganira nyina wiwe uko umusi wagenze, ako kanya nyene umuntu aba arahamagaye kw’irembo maze baramwakira. Nzimenya yihinda mu nzu maze azana intebe y’inyegamo ako kanya nyene nyina wiwe aba azaniye ikiyeri uwo mushitsi yari ashitse. Bwariko burira ariko abashitsi baguma biyongera cane maze Nyangemanya bose akabandanya abahereza ico bafata. Ico gihe ikiyeri cagurwa amafaranga atanu gusa kandi abantu benshi b’abagabo baracihereza, abo kitari bwakundire cane bari abagore n’abana kuko carura nk’umubirizi ugikojeje ku munwa ubwa mbere. Nyangemanya amaze kugenda gutembera mu karere k’Imbo akabona ukuntu abagabo biyubashe bihereza ikinyobwa ca pirimusi yaciye yigira umugambi wo kugura ikinga no gutangura kurangura amakarato ane ane maze akayadandaza kugira yiyungunganye azoshobore kuriha amafaranga y’impuzu hamwe no kuriha ishure ry’abana. Ijoro ryitereye, ba bashitsi batangura kuriha amafaranga y’inzoga banyoye maze barasezera bataha mu ngo zabo. Nzimenya aravye mu makarato asanga hasigaye ibiyeri bine gusa, araheza abwira nyina wiwe ko hageze kuja kurangura ibindi maze na we akivyumva amuha amafranga ngo ayamuharurire kugira mu gitondo Kigingi umunyonzi w’ikinga azozinduke kurangura i Gitega. Agiheza guharura ya mafaranga ubwo nyene yumva se wiwe Bagandiye aratashe yishongora maze yihutira gukebura nyina wiwe anyegeze amafaranga imbere y’uko ashika mu rugo . Kanatsinda ntiyari amwizigiye na gato ku vyerekeye amafaranga.
Bagandiye agishika yinjira mu nzu maze ata na kimwe avuze yitera mu cumba babikamwo ibiyeri maze ahitana ibiyeri bibiri arasohoka hanze hanyuma ahamagara Nzimenya ngo amuzanire inyegamo maze yinywere atekanye. Akiyimushikanira amubwira ati :
- Mbega utu ducupa tune ni two mwansigarije gusa kandi mbona mwazanye amakarato n’amakarato ?
- Erega da si izo kuzimana abashitsi ! Mawe yatanguye umugambi wo kurangura no kudandaza ibiyeri kugira azoze araronka inyungu ya makemake.
- Hahahaha ! Mbega umugambi mwiza yafashe !
- Ego da, ni ukuri mu misi azoza arunguka ayatari make maze ivyo dukenera tuzoze turavyiha bitatugoye nk’uko vyahora. Nzimenya aryohewe atazi icari cinyegeje inyuma y’agatwengo k’agahemo ka se wiwe. Bagandiye utanka asubizayo ati:
- Reka kuyayata wa mwana we! Aha ndatomboye sinzosubira kwicwa n’umwumwa nari mazemwo imyaka n’iyindi! Izizoza zirasigara zose nk’izi zuno musi nzoca ndazikorako.
- Dawe, ni ukuri vyoba ari vyiza cane hamwe woza uranywera ngaha muhira kandi ugashorera mawe hako uza urajana amafaranga yawe ukagenda kunywera ahandi ... Nzimenya akimusubiza ako kanya Nyangemanya aba arashitse. Yari yakurikiranye ikiyago cose yibereye mu gikoni ariko ntiyashima kugira ico abwiye umugabo wiwe kuko yari yaborewe cane, ivyari gutuma ibintu vyunyuka.
Ku bamuzi, Nyangemanya yari umupfasoni w’akarorero. Turetse ubwiza bw’umubiri busanzwe, yari afise ubwiza bw’umutima budasanzwe. Yari umupfasoni w’urukundo ntagere, avuga make kandi asorongoye. Naho yari afise umugabo w’imborerwa ntiyigera amwerurira na gato.Yaramwihanganira cane, maze akikorera ibikorwa ajejwe mu gacerere ntangere. Ni na co gituma ata rurimi yigeze amutako.Yaramwihweza, akamunegura, mugabo akihorera. Ni uko Bagandiye arengera kuri ya macupa aragandagura ariko kubera yari yaborewe cane yaciye asinzirira mu ntebe. Nyangemanya yaramwihweje, aribaza ko yomuvyura kugira aje ku buriri umutima uramwankira. Ahubwo yumva iseseme ridasanzwe aravye ingene yiyungunganya na we agasanzaza. “Mbega none iyi nyifato y’umunega wanje izonkundira gutere imbere mu rundandazwa rwanje?” Ng’ico ikibazo nyamukuru cari kimubakiye ku mutima.
Imisi iragenda n’iyindi iraza, Bagandiye yibandaniriza kuza aranywa inzoga z’umugore wiwe amuhomvya atamuriha n’igiceri. Inyifato ya Bagandiye itera agahinda Nyangemanya, imutera umwikomo udansanzwe. Kukaba nkako, kw’ikarato adandaje yunguka ayangana n’icupa rimwe. Mugabo Bagandiye nta munsi atihereza amacupa abiri mbere akarenza. Iyo bishitse inzoga zigasigara Bagandiye yazishikiramwo akazinywa ata co yinona, ata giharuro ashizemwo. Yama ari sehuzana. Mugabo ntiyigera ahaga. Inda yiwe nta ho yari itaniye n’umwobo.
Nyangemanya na Nzimenya babonye ko yababereye igitsitaza bigira inama uko bobigenza kuko vyasa n’aho bavomera mu kiva. N’ubwo Bagandiye ata co yafasha umuryango wiwe abana biwe nta co bigera babura kuko Nyangemanya yari inkuba yarasenya akavoma akongera agasanasana urugo muri vyose. Umusi umwe umugenzi wa Bagandiye yitwa Birori aza kunywera ibiyeri kwa Bagandiye maze asororera ababanyi bose bari bateramiye mu rugo kwa Bagandiye. Uko banywa icupa ku rindi ni ko Birori yaza arabayagira ivyiza vyo mu gisagara, akabayagira yuko ata mbeho n’umwiza biharangwa nayo inyenyeri zo zama zamanutse hasi kuboneshereza abantu iyo butanguye guhwibira. Birori yari yamanutse i Bujumbura gupagasa agaruka asayangana kandi afise amafranga menshi ivyatumye mbere ashika yubaka inzu y’amabati, agura inka zibiri n’itongo kandi umugore wiwe n’abana biwe bari basigaye bambara ibisayangana. Bagandiye yumviriza ikiyago yitonze aza aranabaza ibibazo vyinshi kuko yari yashemerewe n’vyo yariko ayagirwa na Birori. Nyangemanya nk’umugore yubaha nta jambo ryamuvuye mu kanwa ariko ikiyago n’ivyariko biraba vyose abikurikiranira hafi yitonze, uwo musi ikiyago kirarema mbere n’inzoga zose barazirangiza. Ijoro ryitereye Birori nabo bari kumwe barashogomanga barataha. Mugabo batambutse kabiri, Nyagemanya aboma inyuma.
- Mutama Birori, wondindira gatoya ico nkwibariza?
- Ego mupfaso
- Umviriza. Ndakwinginze, niyo wasubira mu gisagara ca Bujumbura ntuzosige Bagandiye.
- None ni wewe ubinsaba canke ni we yovyivugira! 23 - Birori, urazi ko uri akadasohoka iwacu kandi ukaba n’incuti.
- Ego cane.
- Urumva rero, neza na neza Bagandiye yambereye imbwa rugandiye. Ndubaka agasambura. Ndandaje amakaziye abiri, na we anwa ibiyeri bibiri. Ya nyungu naziga ngiyo pi.
- Umviriza mupfaso, nturire ngo usarare. Sinzomusiga, wewe uzopfe kumuhigira inahuri n’inzamuzi. - Murakozeeeeeeeee! Mbega yemwe ndaguheke!
- Oya nta co. Uzobura ico ntafise, ni agasaga.
- Tuzosubira, murare aharyana.
Bukeye bwaho Nyangemanya ahengera ku muhingamo yegera umugabo wiwe atangura kumuyagisha. Mw’ijoro ryari ryaheze yari yumvise Birori avuga ko azosubira mu gisagara mu kwezi gukurikira maze yigira inama y’uko yobwira umugabo wiwe akagenda mu gisagara nk’abandi gupagasa. Ntiyashaka yuko umugabo wiwe amuva iruhande ariko nta yandi mahitamwo yari afise kuko yari amugejeje ahatemba mu kumuhomvya no kumubuza gutera aja imbere.
- Mushingantahe wanje, mwokwihereza agacupa. Nyangemanya aramubwira.
- Bigenze gute ngo wiyumvire kunsororera!
- Wibagiye ko ari wewe wanciye ince!
- Aha! Zana nisomere nayo ivyo nta vyo nari ncibuka. - Umviriza rero mutama wanje. Nijoro Birori yaratanze iciyumviro ciza.
- Kirya co mu gisagara?
- Ego cane.
- Emwe ntuhogore, na jewe nashaka kuja iyo abandi bari nkareka kwama nsura inkungugu aha. Mugabo... - Mugabo iki?
- Nta tike ngira.
- Iyo nzoyiguha mutama wanje.
- Aho rero ni mahwi Akibwira Bagandiye umugambi wo kumanuka mu gisagara, umugabo utanka ntiyatevye kuvyemera vyasa na ho bakubise uwashaka kurira. Zari indoto kuri we kuko yashaka kwibonera n’amaso yiwe iparadizo yari yayagiwe na Birori bariko bihereza ibiyeri vya pirimusi mw’ijoro ryari ryaraye riheze. Ntibwakeye kabiri, igihe ca Birori co gusubira mu gisagara carageze maze Nyangemanya afata amafaranga ibihumbi bitatu ayahereza umugabo wiwe amubwira ati : « Mugabo nkunda ndakwipfurije urugendo rwiza iyo ugiye, uzoronke akazi kandi uze ukumbure abana. Ayo mafranga nguhaye niyaguherana utararonka akazi uzosigaze ayo kukugarukana ushitse nzoguha ayandi nk’ayo gushika uronse akazi. » Amafaranga ibihumbi bitatu yari menshi cane kuri Bagandiye kuko wari umushahara w’amezi arenga atanu kuko umukozi yakora mu bwubatsi canke mu ruganda yahembwa amafaranga mirongo ibiri ku musi. N’umunezero mwinshi cane Bagandiye asezera umuryango wiwe maze yerekeza mu gisagara gupagasa ajanywe na Birori.
Nyangemanya abonye umugabo agiye mu gisagara yigira umugambi wo kwongereza umutahe kuko abamushorera baguma bagwira ku musi ku musi. Ava ku makarato ane maze agwiza na kabiri ivyo yahora arangura. Urudandaza rwiwe rutera imbere, agafaranga karisukira kuko ni we wenyene mu karere yadandaza ikinyobwa ca pirimusi ivyatuma n’abo ku yindi mitumba baza kumunywera kuko akaryoshe ntikarya umwe. Ngo ubugirigiri bugira babiri, emwe umuhungu wiwe Nzimenya yama na misi yose afasha nyina wiwe kudandaza no guharura amafaranga yacuruje iyo avuye kw’ishure.
Amezi aragenda, imyaka na yo iragenda, Bagandiye iyo yarobeye mu gisagara nta n’iciyumviro yigeze agira co kugaruka kuraba abana n’umugore kuko aho ashikiye ku Mukaza ntiyatevye kuronka akazi ariko kubera urukundo yari afitiye akabare ntiyatevye kuronka abagenzi basangira. Iyo avuye ku kazi imisi yose yaca agenda mu kabare kuko mu gisagara hoho yari yahasanze n’abamurusha gukwega umukenke uzi ko n’inzoga zihadandarizwa mu duce tumwe tumwe ziri ubwoko bwinshi. Bagandiye nk’umukunzi w’umukenke yihaye ihangiro ryo kuzonywa agahasha buri nzoga yose irimwo umwambiro ivyatumye udufaranga yaronka atatuziganya, nta n’impuzu canke ikirato yari ashoboye kwigurira. Birori yari atandukanye na we kuko n’iyo yagenda mu kabare ntiyapfa abo bisangiye, yicarana n’abapfasoni maze bakamwungura ivyiyumviro vy’ukuntu yokwiteza imbere. Bagandiye yishinga agakuku k’abagabo b’imburakimazi yasanze mu gisagara atazi n’iyo baturuka.
Emwe uwugenze arabona ! Uwavuze ko agakuku karimisha urwiri katari burukangaze ntiyahuvye. Mu muryango wa Nyangemanya harimwo umukobwa w’incuti yaminuje yari yarakowe n’abo mu gisagara kubera ubwiza bwiwe n’amashure yiwe. Ni uko bategura uko boja gusaba umugeni, gusa kuko umuryango w’umuhungu washaka gutera iteka umukobwa bafashe ingingo y’uko borungika amafaranga iwabo w’umukobwa kugira urubanza barutegure neza. Kubera ata wundi muntu baronse botuma, bahisemwo kurungikana ubutumwa n’amafaranga Bagandiye kuko yari yababwiye ko agomba gusubira mu rugo. Bamuhaye ibihumbi mirongo itatu maze umugabo agenda mu bagenzi abasaba uwo mugurana ayo kugura n’impuzu yogenda yambaye ariko abahora bigira incuti na ba somambike biwe bamuraba irarirari barayamwima. Arya umutima amenyo afata ibihumbi bibiri n’amajana atanu mu mafranga bamurungikanye ayaguramwo ibirato, impuzu n’isakoshi maze afata urugendo yerekeza ku gatumba kuko urubanza rwari rusigaje indwi zitatu ngo rube.
Bagandiye amaze gushika ku gatumba afata ya mafaranga bari bamurungikanye aho kuyashikanira iyo bamubwiye azoyatanga, atangura kugira umusi mukuru, emwe indwi yose ihera aryoherwa yabaye umwami ku mutumba yavukako. Agize araharura amafaranga yari asigaranye asanga asigaranye amafaranga ibihumbi cumi kubera ububegito bwiwe bwo gushaka kurya akaruta akandi no kwiyemera mu bagenzi. Ntiyashizwe emwe ! Wamengo amafaranga ni ayo yari yakoreye mu kuyarya hamwe no gushaka kunywa inzoga ziryoshe. Indwi ya kabiri iheze yari asigaranye amafaranga ibihumbi bibiri gusa maze yiyumvira uko azobigenza kugira urubanza rw’umuryango rutegurwe. Biramucanga abura ico afata n’ico areka, mw’ijoro aryamye arabura n’ak’imbwa, aravyuka yicara ku buriri aricurikira. Iryo joro Nyangemanya yarabonye ko umugabo yabuze amahoro n’ubwo yari amaze imisi mu kirori ariko ntiyagira ico abaza umugabo wiwe.
Bukeye nk’uko vyari bisanzwe, Nyangemanya azinduka agenda mu mirima asiga Bagandiye yihengetse. Umugabo utanka abonye umugore agiye ahitana ikiziriko agihambira ku matanga y’inzu maze arimanika. Nyangemanya iyo ari mu mirima ngo akubite isuka hasi umutima ugasimba, bimwanka mu nda arakwakwanya asubira muhira ashitse asanga inzu irugaye neza ariko yugariye imbere. Yumva imbere mu nzu ikintu gipfunagira maze ahitana igiti c’umwugariro ku bikingi vy’irembo maze abomora idirisha aricamwo akorokera mu nzu. Agize atya, abona umugabo wiwe yakumbagaye hasi yataye ubwenge; urukonda na rwo rurekera. Emwe ku bw’amahirwe adashikira bose ikiziriko Bagandiye yari yimanitseko caciye gicika ibara ritaragwa. Nyangemanya bimwanka mu nda atangura kurira.
Bagandiye amaze gutora akenge, Nyangemaya amubaza impamvu maze umugabo utanka amubwira uko vyose vyagenze gushika yiyumvire kwiyahura. Nyangemanya ati : « None muri uru rugo warabonye neza ko ata bihumbi mirongo itatu umuntu yoronka kugira urinde ushaka kwiyaka ubuzima bigeze iyo hose ? Mbega hoho wari kuba ukijije iki iyo wiyahura uretse kudutera umubabaro mu muryango? » Nyangemanya ahengera Nzimenya avuye kw’ishure amutuma kuri kopeke kubikura amafranga ibihumbi mirongo ine kuko ni yo yari asigaye aziganiriza mu kwirinda ibisuma no gutakaza amafaranga bidakenewe. Kopeke yanamufasha kuronka ingurane nk’iyo yabona imisi mikuru yegereje maze agashaka kwongereza umutahe, ivyari vyanamufashije kwubaka inzu y’amabati abenshi baguma bibaza ko ari Bagandiye yamurungikira amafaranga y’urwubako kuko ku mugore kwubaka inzu vyasa n’ibisize ubwenge. Ni uko Nzimenya avuye kuri kopeke ahereza amafaranga nyina wiwe na we ahengera bugorovye yegera umugabo maze amwereka ibihumbi mirongo itatu. Bagandiye utanka ngo: « Impa ayo mafaranga ejo aho bukera ndayazindukana iwanyu bakore urubanza. »
Nyangemanya ati: « Wananiwe gushikana ayo warungikanywe n’abo utari umenyereye, ubu rero aya yo mu rugo ni yo woshikana amarembe? » Umugabo ati cwe! Ni uko bukeye Nyangemanya afata vya bihumbi mirongo itatu abirungikana Nzimenya ngo abishikane iwabo w’umukobwa. Atuma Nzimenya kubabwira ko ubutumwa bari baburungikanye se wiwe kandi bubashikiriye bwose, ntiyashima kwararaza umugabo wiwe kuko yari kuba ariko yiha amenyo y’abatwenzi, abika ibanga ry’urugo ntiyagira ico ayagira n’umwe mu bagenzi biwe kuko uruvugo ntirwubaka rurasambura. Ab’iwabo baja mu myiteguro y’urubanza kuko rwari rwegereje cane imisi yaguma yisunika ata kiyitangira. Hasigaye imisi ibiri ngo urubanza rugere Nyangemanya afata ibihumbi bitanu abihereza umugabo wiwe ata co amubwiye yiteze ko na we azoterera ku musi w’urubanza, ariko we yaguma yibaza ko umugore yamwararaje agira isoni zo kuzoshika ku rubanza. Umusi w’urubanza ugeze yanka kujana n’umugore n’abana ku rubanza kuko bagiye mu gitondo ca kare kugira ivyo bafasha uzi ko urubanza ata wurwikorana mbere Nzimenya kuva ajana ubutumwa bw’amafaranga yari yaciye agumayo kugira afashe muri ibi na biriya na rirya ikiruhuko c’ishure cari catanguye. Bagandiye nk’umugabo ababwira bagende imbere abizeza ko aza kubahamvya mu rubanza imbere y’uko rutangura.
Iryari ryaravuzwe rirataha, abashitsi bavuye i Bujumbura barashika, bakiranwa iteka ryinshi nk’uko bisanzwe mu mico y’ikirundi, ibiseke n’imibindi bazanye bimaze kwakirwa ntibatevye kwakirwa mu bwugamo bw’iteka bari bateguriwe. Ni uko urubanza rurarema, abashitsi barazimanwa, amajambo y’urubanza atangura kuvugwa ku mpande zose ari na ko baguma bakutsa umukenke ikiyago caremye. Icicaro Bagandiye yari yateguriwe mu bapfasoni kibura uwucicaramwo, Nyangemanya iyo yari mu bakenyezi bariko batunganya ivyo kuzimana abashitsi, ababanyi, incuti n’abagenzi aguma araba ko umugabo wiwe ashika ariko amaso ahera mu nzira. Urubanza rurangiye, abashitsi bahabwa amagaba yabo basubira mu ngo zabo banezerewe, Nyangemanya na Nzimenya n’abandi bana bavukana barasezera basubira mu rugo kuko atari kure cane y’ahabereye urubanza. Bashitse muhira basanga Bagandiye ata wuhari, babaza abungere baragira inka ko bamubonye barabahakanira, ijoro ririnda rica adatashe. Mugabo ntivyabaciye inkokora kanatsinda yari yateye ingorane zidasanwe kugeza aho umutahe wose bari bafise uhahonera.
Nyangemanya n’ibibondo vyiwe bagira umwikomo wo kuba batazi iyo Bagandiye yajanye ariko ntivyababuza kubandanya batera imbere. Emwe uwavuze ko amazi atemba aja iyo ayandi ari ntiyabeshe! Urudandazwa rwabo rubandanya rutera imbere bironkera amafaranga arengeye ayo bari biteze. Nzimenya agiheza ishure aja inama na nyina wiwe bubaka inzu nziza begera ahari amatara n’amazi. Ntivyagarukiye aho kuko baguze imodoka yo mu bwoko bwa situti. Kubera kuri konte ya kopeke hariko amafaranga menshi; baciye buguruza iduka nini nshasha abandi badandaza baza kuranguramwo ibinyobwa hamwe n’ibifungurwa bitandukanye. Nyangemanya azeza Nziimenya urudandazwa rwiwe kuko yari afise ubukerebutsi n’ubwira butazindwa