Shamba nashenye: agateka k’umupfakazi
Vyanditswe na Pantaléon Ntakarutimana
Hazindutse hasa neza. Kw’ijuru nta gicu na kimwe caharangwa. Akazuba kazindukije ku muryango, inyoni nk’uko zidasiba kubigira, zari zazindutse zizwiragira, abana bakina ibibariko abandi bakina imipira. Utereje amaso ku misozi ya Kivyeyi, ndetse na Kiganda, hakurya ya Mucece na Nyavyamo wabona ibiganogano hamwe n’ibishazashaza vyinshi. Kukaba nkako cari igihe c’iyimbura. Umwimbu wari ikirenga, ibigega vyarabogaboga ku bakamenye bagatera mu mase y’ikizungu. Abo barimyi bari bafise akamwemwe ntangere. Hirya no hino ku misozi ya Buruhukiro na Remera inka zaranuranura ubwatsi kiretse iz’aborozi ba kijambere bazirimiye ubwatsi bwazo bwo mu bwoko bwa tiribisakumu na setariya. Muri rusangi intara yose ya Muramvya yari itekanye.
Hari mu ci mu ntango y’ukwezi kwa Mukakaro mu mwaka w’2018, umuhoro waramwa, batema mu myonga aho bazorima imboga, ibiraya, n’ibindi biterwa. Mugabo aho i Remera mu rugo kwa Tunguhore, mu nzu kwa Gahimbare ntiyari amahoro. Mu mutima wiwe ntihari hatekanye. Mbega yemwe yari yashikiwe n’iki? Ko imyimbu yari myiza ni igiki cari cabaye? Kubera iki atari atekaniwe ku mutima? Umwimbu iwe woba wari wagenze nabi? Emwe habe n’intete.
Kwa Gahimbare ibigega vyari bitsindagiye binateye amasunzu. Kukaba nkako turetse amase ya kijambere bose bari biharaje, Gahimbare yari yifitiye inka nyinshi, kandi n’umwavu wari ukwiye. Yaratabira indimo ziwe zose iyo ziva zikagera. Ivyo na vyo yabikesha ubwira bwiwe bwo kuzahirira. Zari zaragwiriye kandi zivyibushe, maze zikamuha amata menshi ashora i Muramvya, ndetse n’i Bujumbura. Eka na we nyene umwumwa yarabaza, harya uwuza gutera ubureza arabwibanza. Nta nzara nta n’inyota, urugo rwa Gahimbare n’umuhisi Tunguhore rwatemba itoto. None ni igiki catuma adatekanirwa ga yemwe?
Ijoro ryo ku wa gatandatu Mukakaro ryamubereye rirerire. Ryarimwo indoto nyinshi, naho yurira uburiri nta n’ak’imbwa yatoye. Bukeye yazindutse arushe, wamengo yaraye arakinda. Mu ndoto yarose zitazomuva ku mutima ni igihe yari kumwe n’umugwaneza wiwe Tunguhore, barakina vyiza vy’abakundana. Umve namwe uko izo ndoto zari zimeze:
"...yari yatwawe n’agatwengo ari kumwe n’abana biwe Nzitunga na Musaninka bavuye i Bujumbura baje kumuramutsa. Tunguhore, umutware wiwe yari yamupfinze ngo apfindure. Yamuzaniye igitenge ntiyabimubwira. Kuba yari impuzu Gahimbare yaravyibwiye ariko ntiyamenya ko ari umurava w’igitenge gifise ibara ry’urwatsi rutoto utoraba. Ese ukuntu yakunda iryo bara! Kuri we, ryamwibutsa ahantu hari ubuzima wicara ugahema ushikana ndetse unarima ukimbura..."
Ibibeba vyari mu nzu ntivyamwemereye ko yigumira mw’izo ndoto. Yaravyutse akabakaba ico gitenge ntiyabona namba biramubabaza. Ariko ishavu ryagiye kwiyongera yibutse ko umunega wiwe Tunguhore yari yamubereye indanga yaryamiye ukuboko kw’abagabo, abana biwe Nzitunga na Musaninka na bo bari bamaze kwisubirira i Bujumbura iyo baba bakongera bakaharangurira imirimo ya minsi yose. Araturikisha ararira nk’umwana. Ng’ayo amosozi aramurenze ku matama ndetse n’ijwi rija hejuru. Avamwo ahitamwo kwiyugarana yugurura ikiradiyo cari mu nzu ngo ijwi ryiwe ntirisohoke ngo ryumvikane no mu babanyi bose narirya muri bo abansi batari bakenye. Yatura amajambo ngo:
“ewe muk-kunzi wanje, weho war-ri gucur uwukurem-meesha nayo jeho ntaa vyanje”, “ewe rupfu uzontwara nduhiye kw'ino si.”
Amarira amurenze agatiro gasubira kumwiba, ariko kabaye nk’ak’ inkoko. Avyutse yisutseko utuzi. Umubiri uraremuruka, agatima gasubira kwera. Arisiga utuvuta arisanzura. Ivy’indoto abiha ikibanza cazo, na we asubira mu buzima busanzwe. Mugabo ako gahengwe kamaze umwanya urume rumara. Naho muri rusangi ikibano cari ciza, ntiyari yorohewe na gato. Hariho umugore yitwa Kiraranganya yamubera isheshe, akaziri. Haciye akanya isase yagiye abona yaduka, atazambaye, asimba bugeregere, amaso atukuye nk’ay’umunywarumogi, maze asunika umuryango, arinjira, ahagarara nk’insimbarubebe ati:
- Mbe Gahimbare wakabaye uri umurozi?
- Jewe? Kuva isi iremwa...
- Uti iki? Si we wandogeye umwana? Uno munsi turayamara sinkubesha turayatamba tutayavyaye.
- Kiraranganya, ntunsarireko ngo undemeke inkono ishushe.
- Oya twe nawe turaheza, singenda ntakuye ubusa bwa sazabaseke ku misozi ya barundi.
- Yooooh! Yooooh! ntabara yemwe munkurire isema mu rugo!
- Isema ni wewe wa mukecuru we, hinge nkuringanize ugasanga bataguhaye indero, ni nk’uku kuzimu nyene kumira impinja ivegeme zariraye... aho ntiwopfa ukavaho?
- Urutumbwe ruraca ku ruhiye sha...
Ehe ng’abo baranyikuranye hasi, baravumbagara. Naho Gahimbare yari ashaje yaragerageje kwirwanira. Mugabo Kiraranganya yari ikirara, maze ashirwa amuvunye ukuguru. Uwaje kubisonga aba Ntamatungiro umugabo wiwe. Aho kubabanguranya, yaciye yasa amakofi Gahimbare, gurtyo yongera ikibi mu kindi. Abamuzi cane bavuga ko uwo mugabo ata kanyarigabo yagira kuko yagira ku mabwire y’umugore. Benshi bibaza ko yoba yari yaramuvugutiye kugira yemere ico avuze cose kiba ciza canke kibi.
“Yooooh, ntabara yemwe! Ntabara ndabapfanye”, Gahimbare arakoma induru. Mugabo nta n’umwe yamuserutseko kuko abakozi biwe bari bamaze gushwara imyaba abandi bari kuragira ibitungwa. Nta n’umwe yumvise akaruru kiwe kugira amukure mu menyo y’ingwe. Naho bamukoraniye ari babiri, Gahimbare yagumye yigwanira, maze abonye bigiye gukomera yaciye ashinga ayo kw’izosi nya gikenya Kiraranganya. Mugabo ntiyashoboye kubanesha. Barakubise, barasubira, bamusiga ari indembe, barigira. Aho ntiyari amagorwa ya mbere aboneye muri ubwo bupfakazi.
Imbere y’aho, turetse umugabo wa Kiraranganya yama amwiruka inyuma ashaka kumubona ubwambure, na muganga w’ibitungwa vyiwe ntiyamworohereza. Ntiyasiba kumubwira amajambo asosa, avuga ko amukunda, ko asa n’irirenga, na we akaraba ingene ubukecuru bumurembeje bikamusiga. Iyo hoho ataronse amahera yihuta yo kumuriha, yaca abigirana amanyama menshi nk’umwe ariko arishuza. Karangura ni umunsi umwe bavanye kuraba inyana igwaye, bageze mu miyirwe y’ibigori, yagiye abona uwo muganga w’ibitungwa amukubita umwereka, yiha kumwambura agashambara kugira amusambanye ku nguvu. Gahimbare yaciye ata urushi ku munwa aratabaza. Wa muganga w’ibitungwa yaciye amurekura, maze atungwa n’ayo yameze aromoka kugira ntihagire uwubica n’ikanda. Kukaba nkako yari asanzwe ari umuntu yubashwe cane muri ako gacimbiri yakoreramwo. Ntiyipfuza ko abantu bamenya ko ari umugabo atubahiriza agateka k’abakenyezi, na cane cane abapfakazi. Gahimbare na we yaciye yisubizako agashambara arandara gushika muhira, mugabo yongera yibaza ibibazo vyinshi ku vyerekeye agateka k’umupfakazi.
Uwo munsi Kiraranganya n’umugabo wiwe bamukubagura, bari bamuhereye kera babura aho bamuca, ariko rero uwushaka kukurya ntabura imboga agukoza, baramukubaguye asigara ngaho wenyene, ata kimubona, arihebura kugeza aho yiyumvira kwimanika ku mugozi. None ko muri uwo mwanya yari intere, yari kubishobora? Wa muvuzi w’inanga ati: “Urugo rutagira umugabo nta kitarukengera”. Emwe Gahimbare yaravyiboneyeko. Yaribajije ko yocumbagiza agata urugo rwiwe, maze akomoka biramwanka mu nda. Ntari bumanuke i Bujumbura kuko yiyumvira ko n’umukozi utagiye uramama ivyawe bisanzara uko.
Ikindi camwanse mu nda ni uguta ibibondo vyinshi vy’ababanyi bakenye, yahora ahembuza umwerera w’amata n’umubira w’inzoga y’amahonda iyo yaramukanye ubumera. Gahimbare yahembura umwana uwo ari we wese agwabiye, ntiyatora abakunzi n’abansi, abeza n’ababi. Kuri we, umwana asa n’uwundi. Yibaza ingene azohava abigenza atanguye kudenderezwa nk'uko. Mugabo umutima wiwe wamwoheje kudaheba ibibondo. Ikibondo kirabera. Abana ni intore kuko banamuganiriza neza ata kazirya, kenshi bishakira kumenya utuntu n'utundi gusa. Hari n'aho bamusaba ngo abe arabajajurira utwa kera kuko ngo no kw'ishure baravyiga. Ukuntu vyamweza ku mutima yabona ko atazoziza abo bera ku mutima ivya Kiraranganya umukecuru yasivye ku mutima, ata co yibanga. Abo bana baratuma yiyibutsa utwa kera aho yari akiri iwabo mu ntara ya Ruyigi, i Bweru neza na neza mu Kirambi agifise sekuru Baragunzwa.
Uwo munsi yarikweze busiba, maze arandara araruha arashika mu rugo iwe. Ahengetse umusaya ni ho yaza yibuka uwundi mupfakazi bagowe rumwe. Uwo na we si uwundi, ni Singirankabo.
Singirankabo bamuremeka amabi y’isi yose: emama ngo asa n'abarozi, emama ngo aratora imbuto mu mirima ngo akimbura ibigega abandi batashe uko, emama ngo atera umwaku ngo uwo bahuye atanyazwe akubitwa buyoka, emama ngo ni we yiyiciye umugabo wiwe Ndaruzaniye na we yahitanywe n'urw’akarago. Yemwe amagorwa y'umupfakazi ntadondwa, ntagira aho ahera n’aho ahereza. Yabona ko umupfakazi atagira agateka nk’abandi bakenyezi bafise abagabo. Ivyo vyose vyaramwanka mu nda, vyaramuteye umwikomo udahera. Ntiyabona agateka k’umupfakazi iyo kaja n’iyo kava. Icabituma si n’ikindi: iyo umupfakazi afashwe canke ahatswe gufatwa ku nguvu n’umugabo, yitwara ku mugabo. Uwo na we agaca amucira urwa Ngondagonde. Bigaca biba bimwe vy’uwuriwe n’imvuvyi akitwara kw’isato. Yaribaza guhindura iyo ngendo y’abagabo bikamuta kuw’amazi. Kukaba nkako, yabona ko abagabo basuzugura abapfakazi mu kutabaha ikibanza kibereye mu ntwaro, utibagiye ko ata jambo bagira ku minsi mikuru
. Mu minsi itari mike ya Gahimbare, yamana umwitwarariko wo kubona agateka k’abapfakazi kagarukiwe. Kuva inkoko zibitse kugeza izuba rirenge, yama yiyumvira ingene yobigenza kugira agarukire agateka k’abapfakazi. Mbere n’iyo aryamye yarota abona abapfakazi bubashwe kandi bubahirizwa na bose: abana, abakenyezi, eka mbere n’abagabo. Mbega yemwe azoruha abishikako? Azobicisha he?
Haciye kabiri, ariko ararobanura uduharage dushasha tw’impeshi, aza abona umuyabaga amwegera aho ari amusaba kumufasha udukorwa. Gahimbare we atangarira iyo nyifato. Kanyana yari yarengewe n’inyifato y’abigeme bigana kw’ishure ryisumbuye ry’i Muramvya kuko ica gatatu cabo bari bafise inda z’ibitwarire. Wamengo ni ihiganwa ni twaba tutovuga ko basa n’abarozwe. Maze arikenyeka ku kirago aho Gahimbare yari yiyicariye, aca atangura kumuyagisha:
- Mbe nyoku, woncira agace ukambwira ingene wabigenjeje kugira ntuvyarire iwanyu?
- Kubera iki umbajije ico kibazo ga mwana?
- Nyoku, wari uzi ko abakobwa nka bose bo kuri rya shure ryisumbuye ry’i Muramvya batwaye inda z’indaro?
- Nka bose? Nibaza ko ari ugushikuza! - Ni ukuri nkashikuza nyoku. Urazi ko ari Umushikirangaji w’Indero wenyene yiyiziye kubirukana! - Umushikiranganji w’Indero! Emwe vyari bikomeye!
- Emwe yabahindiye muhira bose aca agirako arafuta umuyobozi w’ishure hamwe n’abajejwe indero bose. - Yabafuse bose!- Bose nyoku.
- Emwe ni umugabo! - Oya si umugabo nyoku. Uwo mushiranganji ni umugore.
- Oya mwana sinavuze ubugabo bw’uruti rw’icumu, nashatse kuvuga ubugabo bw’umutima. - Murakoze kumpubura nyoku.
- Mwana abahungu muravukana, kandi ntibakwanka. Bagenzawe bababuriye isoni, babereka ubwiza bwose bw’umubiri wabo, na bo bagira intege nke babajamwo. Mwananje, urambara izigukwiye, wishimire ibiri imbere, ukunde kazoza kawe, ureke gutesha umurongo abandi. Ndafise Musaninka wanje akora muri banki yarinze agera hiyo ataranteza isoni. Mwigane rero wige amashure maremare.
- None ga nyoku, ko hari abakundana bakiri abanyeshure, bagashikira urugero rwo kurushinga rukaguma?
- Mwananje, twese twararehejwe naho iterambere ryagiye rirazana vyinshi. Umuhungu agukunda, agufitiye umugambi muremure, umumenyera ku biyago vyiwe, ntagutumirira kwinezereza no kuryohererwa ivy’umwanya muto. Ikindi araguhanuza mu migambi yiwe akanaguhishuka. Uwo ni we mugabo w’agaciro wokunda...
Kanyana yavuye aho yifatiye ingingo. Avuye kw’ishure akama amuganiriza. Baba nk’umuryango. Kanyana akagabana amasabuni, impuzu, amavuta, ndetse n’amafaranga. Amashure harya akenera vyinshi, yarinze agera aho yoyamara, ubukene bwari bwaramwiziziye. Gahimbare we ntaharura ivyo atanga kuko igihambaye kuri we ni uko yoheka uwisimbiza. Maze aho bukera aze amuyage, avuge urwo rukundo yaronse ku wutari nyina ntabe nasenge. Kuva uwo munsi Gahimbare yaciye yiha umugambi wo guha indero ndundi abigeme b’imiyabagaba nka Kanyana, maze ntibaze basubire kumararamaza abarezi. Kanyana yaramutoranye utugeso, aba umukobwa w’ubumenyi mw’ishure, akagira ugukenguza n’ugusobanura icatsi n’ururo. Harya iciza nta we kitobera, Siboniyo mugenziwe yarabonye ko hari icahindutse mu buzima bwiwe aramwihereranya mu kaberababiri amubaza ico ategekanya muri kazoza kiwe. Ataranatomora ikibazo ciwe Ndirahambaye na we yari yababonye bamubariza hamwe ico yishimirije mu kugabanya imigenderanire yahora afitaniye n’abahungu no guheba tumwe mu tujipo tugufitugufi yahorana.
Kanyana ntiyariye umunwa yagize ati: “Si twe nkumi za mbere zibaye kw’isi, burya uwaciye mu bukumi araturaba akatugaya iyo turiko twitwara nk’imburabwenge. Uzi ko hari umukurambere yitwa Gahimbare yanyigishije vyinshi, ubu sinzoha urukundo utari we, nzomwumva mu biyago iryo agona nzoba ndarimenye”. Uri Siboniyo ati: “Weho wahindutse Imana wiha kumurika ivyiyumviro vy’abantu!”
Kanyana arabanyuza ati burya ikitwica ni uko turahukira umunezero w’umwanya muto, ungana n’uw’ibirungo twisiga. Iyoba twokwiyumvira ko umuntu atoguza iceri icomweza umutima imyaka mirongo itanu: turondere kumenya abahungu b’imigambi atari bamwe baturyosharyosha gusa. Urazi uwoza akubwira nk’imigambi y’imyaka itanu? Mushize hamwe mwoshika ku buzima butonganutse bubatuma mugumana akamwemwe n’uguca mu maso.
Erega baramurahiye ko azotegerezwa kubajana kwa Gahimbare, baba bamutumye gito. Abajanye yarabakiriye arabafungurira maze abatekerera ijambo ryabashitse ku nyota aho yababwiye ati: ‘bane banje, muracari bato, kanatsinda n’uwo mubiri wanyu ugitemba itoto uravyemeza. Ntimurahukire kurya ibihiye mutazi ababiruhiye, korere rwanyu kuko ari ryo teka rikomeye umuntu ashobora kwironkera akiri kw’isi. Ikindi ni mureme ibihiye si vyo vy’iwanyu gusa; ibitumbwe, ibikiri ingemwe n’ibikiri mu matuta ni rwanyu”. Bavuye aho banyuzwe batahuye ko bategerezwa kugira ico bahinduye mu nyifato zabo batangura rero kumusonera kuko babonye ko afise ico abarushije bati ni ukuri agakuru ntigakurira ubusa. Ba bakobwa batatu bavamwo baratandukana umwaka w’ishure uheze, kamwe iwabo akandi iwabo.
Iminsi iragiye, ibihe bihaye ibindi, tugeze mu mpera za Myandagaro, Kanyana azanywe n’ugusezera umukamakare, kuko yiga mu mwaka wa nyuma w’ayisumbuye, ngo aho yahora aba kwa mwenewabo yasezeye agira ahave yisubirira i Bukeye iyo avuka. Amosozi ni yo arangwa mu rusigwa na Tunguhore. Hamwe wohashika nawe wobura uwo uhoza n’ uwo ureka. Umwe avuga ko agiye kure y’umuvyeyi. Uwundi ati mbaye kure y’ikimararungu. Bose barababaye, ariko ko bararana bararemeshanya. Kanyana yapfukamye abwira nyokuru ko azozigama impanuro, na we amusabira umugisha. Aha batandukanye, baragumbirana, barasubira, inzira zivyura ishari.
Iminsi igiye kuba miremire, amajoro ntazoca. Gahimbare aho aryamye yibaza ivyo kw’iyi si, abura intango n’iherezo: ubwitonzi bwitiranywa n’ubujuju ata ho ryabonetse, gushira isoni bikitwa kubona kure, kwambara ubusa bikitwa ubuhizi, gusoma utuyoga bikitwa induhuro, agatabi kakitwa umugenzi, ubuhumbu bukaba ukwiremurura,…Ntabona ico yokora kuko nawe asanga yarengewe akanywa utuyoga nk’abandi bose. Akiri kumwe na Kanyana yari yibagiye kunywa kuko na we yari asigaye akunda ubuzima nk’uwusigaje kubaho imyaka mirongo umunani. Noneho si ho akiri.
Agatiro karatondereye, ariko nta karuhuko kuri iyi si. Bwoca amahoro, yorya umutima amenyo akaja kuraba muganga w’ibitungwa naho amugeramiye ngo amusheguze hasi kubura hejuru. Ntagomba kwerekana ko afise intege nke, ku mugoroba muganga ahejeje gutera urushinge impene yari igwaye atangura kwidoga. Emama ngo nta vy’abakecuru ngo ntibasorora, emama ngo ntibashima, emama ngo iri na rirya, ngo ntazogaruka. Gahimbare aratuntura ariko apfa kumuha ay’inzoga yamusavye. Ibitabujije ko yidoga ngo bari kuja gusangirira hamwe: rwari uruyeri kugira arabe ko yomuca mu ryahumye utuyoga tumugiye mu mutwe.
Mw'ijoro aryamye aja mu vyo kwitonganya yibaza ryari umupfakazi azogira iteka, arahebura. Yibaza uko abo baja ku maradiyo bagasemerera nk'abaharanira agateka k'abakenyezi mugabo ntibaharanire ak'ababavyaye bikamuyobera. Aca yibuka urwo uwari umutware wiwe yamukunda, yibwira ko yomushigikiye mu busaza. Aba arabitoye. Uwurara aradigadigwa, uwugifise uwo batera ryarenga, ingorane ziwe zishika kure maze zigatorerwa inyishu nk'aka kanya. Guhura n'umukecuru kwitiranywa n'ukubura umugisha. Uwahorana umugisha wo kuvyara ibibondo, inda yiwe ibayemwo ubugaragwa, igitereko kirumye, ukuramba ni ukubona. Itiro risubira kumwiba.
Aha ijoro rigeze hagati, yumva induru, aravyuka avyura abungere baba iwe bamera magabo. Iyo nduru ivugirizwa igisuma civye mu mirima. Aha gisagirijwe gitumbera Gahimbare kimuca mu myanya y'intoke kirayanyaga. Ese ukwo kuryagagurwa! Ngo nta bindi vy'abakecuru ngo nticari kumusiga iyo aba umugabo. Ico gisubiye kumubabaza kandi, yihungura amosozi, aja kuryama, bwakeye atihindukije. Ca gisuma basanze caguye aho ababaji bimvye cavunaguritse. Ayo cahaboneye ntarindwa. Congera gitabwa mu munyororo. Gahimbare avyumva uko ntiyigeze asubira muri abo bacokoranyi.
Avyutse mu gatondo, aja kuraba imirima; erega yarumiwe asanze Miburo muramuwe aragiye inka mu karima k’ibijumbu ka Gahimbare, izuba riva ku mutaga bene umurango babona. N’akagaye ntikoba ako. Agize ngo amubaze ico yitwaje aramurakarira ngo kwa Rugemimpongo ntibamuzi ngo uko bisanzwe umugore arongorwa mu muryango none ngo ko murumunawe yapfuye ngo Miburo ni we aramukiwe kurya umunyu ngo ndetse akarira ku nkoko imwe n’uwahoze ari serugo. Gahimbare asaba muramuwe ko yoreka kumuzana mu gipagani kuko asanzwe ari umukirisu yumva Misa yunamye mugani wa wa wundi. Aha agize ngo yegere ngo yamire ivyo bitungwa, yagiye yumva ari hasi, umwereka wa Miburo ntiyigeze amenya uko wamushikanyeyo. Miburo ntashaka kugarukira aho, yagiye yumva ariko amukabakaba mu mukaba w’impuzu ngo bikunde amuteshe ibanga. Gahimbare ayiha akaganza, abantu barashwabaduka basanga Miburo agira ashikire ico yari yagendereye, baramira yigira ikibugu, bibaye kera bamucishako abana b’intoke. Harya ngo igufa rishitse mu kanwa k’imbwa bakuzayo inkoni.
Ngaho Ntirimeninda yigira uwumvise urubanza ubona ko ari n’umukuru w’agacimbiri kari neza na neza hakurya ya Kiganda. Ni ko gutanga n’isango ry’iburanishwa ry’icese ry’urwo rubanza: hari ku wa gatandatu w’igenekerezo rya 08 Nyakanga. Imbere y’aho, atangura kwigenza buhorobuhoro kuri Gahimbare ngo agira amwigishe gukenyura urubanza. Kuva ubwo imigenderanire iravuka, na Gahimbare amuha ugutwi ngo agenzwa n’ingingo. Hasigaye iminsi ibiri ngo baburane, Ntirimeninda yaciye mu kigo aramutsa yinjira, abakozi bararekerana kuko bibwira ko hoba hari amabanga hagati ya nabuja n’uwo mutware. Gahimbare aja abona barareha ari ho akiva mu bwogero, yari akenyeye igikwemu. Ariko akayobe kari mu gikiriza ca Gahimbare katumye umutware yayaya amaboko ngo akoreko, Gahimbare ntiyari yiteze ko uwo mutware aja mw’ivyo kuko afise umukenyezi wiwe barambanye kandi ata co womuhinyura ku kayira. Ni ho rero yegera atangura guca imigani itaja ntize ngo umwonga umwe wonza inyoni. Gahimbare ngo yumve iyo rija yishirako agahuzu. Wa mugabo na we aja mu vyo kurerembuza amaso ngo aramwemereye kuzomunezereza uko ashoboye kwose. Aramurereka ngo amwambure ca gikwemu, Gahimbare aramuhishuka ko agira avuze induru ko hari ikigabo camuteye ntiyumva, wamengo ni inka yabonye umunyu ni yo idahaha. Ni uko rero arya umutima amenyo ngo amwihe aramunanira kuko Gahimbare yasazanye inguvu. Apfa rero kumugumiriza ibanga yongera amubwira ko iyo yobaye mubi yomushengeje ariko abihevye, anamuhimiriza ngo yikebuke. Ntirimeninda kwari uguhekenya amenyo gusa, wamengo ariko aburuguta intete z’ibigori zumye kera. Mu maso yari yahinduriye acika umuyobe, emwe, ikiza kiza bugariye.
Burakeye ntibugira umutima ngiyo intahe yokereye ababuranyi, Miburo na Gahimbare barahanganye kandi abantu biteze ko Miburo akubitwa intahe mu gahanga, Gahimbare yiteze gusubizwako agahuzu akambikwa izera kuko uwo baburana ntahakana ikosa ariko akiregura avuga ko Gahimbare mu gihe atemeye gufata neza abo kwa Rugemimpongo, ata kibanza ahafise. Ni ho abashingantahe bamusavye gutomora na we ati impfizi ntiyimirwa, ni yemere ndabire urugo mwenewacu, Gahimbare yifata ku munwa kuko yaheruka muramuwe ari umukirisu. Ntirimeninda yitsa imburano zabo asaba ababuranyi gutaramuka, yihereranya abashingantahe n’abaganantahe bapfundika ingingo y’agahotoro.
Barengutsa rero ababuranyi, Ntirimeninda afata intahe atangura ngo bagendagenze urubanza baruca irya n’ino, epfo na ruguru none basanze Gahimbare yarushijwe ngo si umugore w’ibanga ngo ntiyari gukoma induru, ngo yakuye agashambara umuryango. Ngo nasubize hamwe n’abanyamuryango ngo na cane cane Miburo kuko ari we muhungu wa Rugemimpongo asigaye.
Gahimbare yagize ati ndagaye cane ingingo ishinzwe ariko muntunge singaye abagabo, naho vyogenda gute je naje kwa Tunguhore, ntaho duhuriye na muramwanje kuko si we twaraganye kandi ndazirikana ico ndi nk’umurundikazi yarezwe, kandi abwirizwa guhagararira indero ndundi naho mundiye ngenda, aca ararira, abaje mu rubanza na bo nyene babona ko arenganijwe ariko ntibarukura mu kanwa kuko Ntirimeninda ni umugabo yabunyoye w’igicocoro bemera, nta washaka kwiyandurako.
Gahimbare asubira i muhira ashika akenyukiwe, yagenda yandara rimwe kabiri, dogiri dogiri, arashika aho aruhukira yaguye nk’urukwi no mu gitanda ngo gwi. Harya urota uba utarabona ntiyigeze yikoma. Yikanguye, yarihagazeko aba arajisha akebo ko gufunguriramwo umutsima. Yaheruka gufata uruhindu kera ariko ntaho vyamugiriye, agira avyiyibutse.
Agize gurtya aja abona Kiraranganya aje atazambaye ngo yaramubwiye none yamurogoreye ngo ubu umwana arasimba bugeregere. Ngo none no hanyuma hakagira ico aba bazogerekerana. Ngo ntazosubire, adashaka kubizira. Gahimbare riraniga arigumya, Kiraranganya gisuma kirenga. Uwo mugore nta bupfasoni agira: yaramangaye.
Gahimbare ariherera yikinga abana b’ababanyi bari baje kumuramutsa yongera kurira. Asibanganya umunsi mubi yavukiyeko, yatura amajambo yumvikana ngo: “ Kuki amarira yama yisuka? Kuki umunezero utaramba? Kuki iyi si imira uwukivuka abayigoreweko ikabihoza? Kuki umuntu aheburwa n'abantu bose bakamwagiriza ko ata co agishoboye? Kuki umuntu akengerwa n'abo agaburira? Kuki ubusaza butera intimba? …”.
Amara umwanya yicurikiriye, yunamura amaso arangamiza ijuru, araba hirya no hino yakira icirore. Agakobwa ka Kiraraganya kitwa Ngabirano kamaze gukura, kamusimbira ku bibero. Arihangana arakarera, kamwongorera ko nyina amwanka, mugabo koko ngo karamukunda kuko ahora akagaburira. Kamubwira kandi ko kamwumvise avuga ko azomubeshera ko yamurogeye umwana ngo abe aramurya umutima na gusa. Ni ho yakabaza ko yamujanye kwa muganga gati: “ego nyoku”. Aca agacira i mutwe arihorera. Ni ko kumufungurira, basangira n'abandi bana bose.
Gahimbare yibuka uko Kiraranganya yakuze yiganza, yarukanye umujinya igihere caribeshe, aca ariremesha. Ico bikoze uyo mwana azomera nka Kanyana, ese yokurana uwo mutima wiwe, ntagire nk'uwa nyina. Kuva ico gihe ako kana kaba indanga. Kagira ubwiza n'ubwitonzi no mw'ishure bagakurira inkofero. Kiraranganya akavyiyitirira; abavyumva bakamira bati mukobwawe aho akura indero turahazi.
Nzitunga ubu afise urugo, afise umuhungu yitwa Mugisha, yasavye se wiwe ko uburuhuko bwiwe azobugirira kwa nakuru. Uwo mwuzukuru ntateba akironka uburuhuko yaturiye i Muramvya. Azanye ibisakoshi, ntiworaba! Iyo hataba abagabo babimukuje mu muduga bakanabimuzanisha ntiyabishikana. Babizanira umuntu atakigira amenyo mugabo na Ngabirano na we azobicako kuko yaramaze kuba uwo mu nzu kuva anebaguye ingendo mbi ya nyina.
Mugisha aranezerejwe n'ukuhasanga uwundi mwana, batakuriye hamwe. Baganira twinshi tw'abana nyene: amubwira ko bobo bigira ku mamashini, agatangara. Ngabirano akamwereka udukino bakina kw'ishure na we akatwigana, agatwengo kakabegura. Umunezero uri mw'ivyo bibondo utuma Gahimbare abona ko ijuru ryamwibutse, uwomusesa ku mutima yobona ukwo bukeye iwe.
Indwi zibiri Mugisha yamaze zamubereye ijuru ritagira igicu ariko ziraheze. Umuduga wamwambuye uwo mwuzukuru wagenda nk'uwarozwe yisubirira mu gisagara aricokerera. Nta ndwi yaheze Ngabirano na we yaratumweko n'umuyobozi w'ishure aho yiga, amuha ubutumwa ko hari ishirahamwe ryamugomwe ngo aje kubandaniriza umwaka w'indwi mu gisagara. Ngabirano yatashe asimbasimba, uburuhuko buheze aja kwiga mu gisagara.
Abana basize nyokuru, asigaye yihebuye. Aravye izuba yibaza iminsi asigaje kuribona biramusonga, mu rubavu kirazibura, akabeho karamucakira aja kuryama aha turi mu kwinjira muri gitugutu: agahiri karamucakira. Ari ku musego. Amera nk’uwihebuye ariko bimuha kwiyumvira, aba arasubiza amaso inyuma ati:
“ Navutse ndi akana kamwe, ndakura ndi ijisho rimwe, nokerezwa ikijumbu nkiri ikibunduguru, narabaye mwiza mba muzima, nabanye neza na bose ukwo nshoboye kwose, uwo natsitayeko naramusavye imbabazi, nahembuye uwambaye hafi wese, nambariye bose,
ariko ukwo nagira si ko nagiriwe, ukwo nagera si ko nagerewe, narabuze itiro ijoro ryitereye, mbura umugabo n'umwuzukuru, mbura agatwengo k'ibibondo, nabuze ikiyago mba agahabwa, nagize amata ku ruhimbi mbura umunwa, naronse iteka mbura ijambo, naratawe ntari akanuka, nagize irungu, ngira ibirungo mbura imbwa n'imbwebwe, ngwaye ntagira ikinsanga,
Umukurambere ni we yagize ngo abantu boba benshi, emwe abeshe buhoro, Gahimbare ntiyari azi ko yoronse intore imushigikira mu busaza no mu bupfakazi bwiwe. Hari rero Kanyange, umukenyezi w’umunyabwenge yigishijwe akanyurwa mu mugambi wo kwiteza imbere witwa NAWENUZE watangujwe ngo usahirize abakenyezi, abaremesha rero ko n’abapfakazi nyene boshobora kwitunganya bagashinga ishirahamwe. Wamengo yaraganye na Musaninka kuko bagiye babona abatuyeko ibirenge ndetse na Kanyana kuko na we ni ho yari. Ku bwa Gahimbare, Imana ni yo iroranya ibintu, yaratwenze kugeza n’aho babona akinyo ko mu mfuruka z’umusaya kavungutseko agace gatoyi. Kandi vyari bifise ishingiro kuko yari yibereye kumwe n’abanyabwenge, bariko bamuha imitwe yo kwibeshaho. Kanyange ahejeje kubaramutsa abasaba ngo abasabikanirize iryo basanze bariko baravuga na Gahimbare, ati:
- Nimba hari umuntu akwiye gushigikirwa kw’ino si ni umukamakare na cane cane umupfakazi kuko hejuru y’ukuramura abiwe, aramurira n’ababanyi ku bw’umutima w’ubuvyeyi yaronse.
- Ivyo si ko biri Kanyange...
- Ni vyaba bitari uko uno munsi, bizokunda dushize hamwe inguvu ;...
- Ego Kanyange, burya abantu ni ba bakundukize, mwe mwize mutugiye imbere bizokunda kandi naho dushaje burya turacabubega harya ubusaza buzindwa n’ikiyago.
Kanyange aratwenga ati uwize nyabuna ni Musaninka yize kaminuza nayo je nize agafaransa ka teruraturye ntiwonyizigira ati ariko ico nize ndakibaha umurava, gato karakura.
Ni uko rero Kanyange amaze kubatoza ubwo bwenge baca urwevu barajijuka kuko yabigisha abaha n’uburorero akagira ati kwiziganiriza no gufatana mu nda kwatumye abantu bahora bakengerwa bagira ijambo. Bano ntibashizwe baciye bamusaba ko ishirahamwe ryabo ryohurikiramwo abakenyezi gusa kuko ari bo batotejwe. Na Singirankabo ntiyatanzwe kuko Musaninka yaciye ahamagaza iterefone umukuru w’umutumba w’umugore w’i Bukeye iyo yabiriwe. Gahimbare arahimbarwa n’uko uwo basangiye amagorwa na we ashikiriwe.
Musaninka ntiyatanzwe kugira ico ashikirije ati ndanezerejwe n’ingingo mwihaye kandi ndiyemeje kubashigikira. Aca yemera kubagurira ikinga no guhemba uwuzorinyonga maze na bo bashikiriza ivyo bemeye. Uwuri Singirankabo ati ndavye ivyo nyene urugo yasize ndemeye guterera mu mafaranga yo kwubaka inzu izoshingura itungo rusangi. Kanyana ati mu cigwa twize co kwiyungunganya batwigishije ko dukwiye gusuzuma ubutunzi n’inyungu ku munsi ku munsi none ikaye tuzokwandikamwo ndayemeye.
Musaninka aratangara ntiyazirikana igituma bose basa n’abavyumva kumwe uko, kandi bisubiye biraboneka ko bashashaye ukwigwanako n’ugukorera hamwe. Iyo si yo kamere y’Abarundi bo ku mitumba. Uko yabiheruka bahora bama bateze amashi, bumvise hoho ko uvuye i Bujumbura n’uwo wagiye kuraba bamugirira agashari ngo wewe umusigaranye urufaranga.
Igisigaye kuri bo ni ugutora izina ry’iryo shirahamwe, aha Gahimbare ntarya umunwa, ati ni ryitwe SOKOROKA, bati ijambo ni iryo, uretse ko umukamakare aba afise vyinshi yosigira urwaruka n’ikibano ntahabwa agaciro gakwiye womenga aranyegeje bimwe bibwirwa abana ngo inyegeze haraje abantu, kuko kumbure basa nabi canke bambaye izitabutse kandi ivyo bikaba uko mu gihe abo yareze ari abaganga, abahinga, abajejwe umutekano n’abandi.
Umutahe wa mbere SOKOROKA ifise ni Kanyange, abagore babiri n’umwigeme umwe. Ni ho bagira amakenga k’uwo mwigeme kuko kumbure yohava ashaka kwivangura n’abatamakazi. Abakurira inkoni ku gishitsi ko ata co bimubwiye kuko ari yo aja atariyo ava, ati naho nogera aho ndonka ic’epfo n’ica ruguru, nta combuza kubandanya aka gashirahamwe.
Gahimbare we yari amaze kunyurwa n’inyigisho za Kanyange aba ari we arongora ibikorwa. Musaninka rero abasaba kwuguruza agasandugu mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana ryitwa KOPEKE ryo kw’ikomini kuko ari ryo rikata amafaranga make yo kuziganya. N’uko barabizigama. Ndetse inomero bugururiyeko ni na yo Musaninka azorungikako ya ntererano yabemerera. Ba bapfakazi bo bagira ngo ni ugushikuza, bamukanurira amaso ngo bagira yorungitse intumwa, baramwiyama ngo ivy’amangetengete vyaraciwe ntibamenya ko n’i Bujumbura hari amareba. Kanyana wewe agatwengo kari kamwishe abasigurira ko abatanga amahera bakoresha imashini zihanahana amakuru ari co gituma bayakatira i Bujumbura ukayatora i Muramvya, barumirwa.
Nta minsi yahaciye bamaze kwuguruza agasandugu muri KOPEKE bakabaha n’ibiharuro bikaranga baciye babirungikira Musaninka yari yamaze kumanuka i Bujumbura na we ati munkanze gito aca abaterefona ko yarungitse ayo mahera. Emwe wari umukimba wavyo, vyari ibihumbi amajana umunani n’ayo yaharuwe na Kanyana abandi barayaraba amaso akazima. Ngabo baguze ikinga, bagurana inka, ndetse n’inkoko. Baja mu vyo kurondera uwuzorinyonga. Miburo akivyumva yabaye uwa mbere mu basaba, baramwima ariko batohoje ivyamubayeko Gahimbare avyura ikigongwe. Miburo yaheruka kugwaza umwana w’umuhererezi bamubaze ikivyimba mu nda. Yasigaye agaragara n’akavi k’itongo aragurisha. Aje ari nyabworo asabisha amaboko yose, ariko yijijanya imitima ngo ntibazoronka ayo bamuhemba ariko yibwira ko azopfuma afata iryo kinga.
Iminsi iragenda ibihe biha ibindi, hinjira umwe umwe mw’ishirahamwe bararwira bakaja baragerera Miburo abagaburirira inka yongera ashira amata n’amagi abanyamiduga na bo bakariha ku ndwi ku ndwi. Ibifaranga biragwira mu gasandugu, Kanyana abwira abanyeshirahamwe ayo bagezeko zari imiriyoni zitatu ku banyeshiramwe cumi na batanu gusa. Ni uko rero abagore bose barijukira ishirahamwe, bumvira iryo Gahimbare ababwiye. Uwasigaye ari ikinani yari Kiraranganya. Bararimisha ururaya rukabakundira, ibiharage bikaza. Uwuri Siboniyo yagize ngo ni bize ni ko ntaco bikenga kuko ata mwana abiririramwo. Baratwenga bareguka. Eka na Ndirahambaye, umugore muremure yagororotse kandi akeye mu maso, yarunganiye ati ivy’inyakamwe ntibigwira kuko atari abana gusa babiririramwo na ba serugo bajamwo burya ngo abasangiye ubusa bitana ibisambo. Abo bose bakaba batanguye gushimishwa n’ivyiyumviro vya Gahimbare kuva bacigana na Kanyana mw’ishure.
SOKOROKA ritera imbere, Siboniyo arya akara umugabo wiwe Ntekumutwe, yataziriwe iryo zina kuko kuva aheza ishure atigeze ahengeshanya kurondera ifaranga, aca arinjira, amafaranga ibihumbi amajana atatu yasabwe mu kwinjira, yarishe ayabona. Bose baratangara. Bamubajije ico yashimye iryo shirahamwe, yagize ati umupfakazi ni umuntu nk’abandi afise icubahiro nk’uwitunze we nk’ukundi uko. Ahubwo abarongozi b’iri shirahamwe bakwiye kudufasha mu kuzigama indero y’abigeme b’ubu. Abapfakazi baba bafise umwanya wo kuyaga n’abo bana vyari bikwiye ko baturahurira ku muriro wavuye ku gashitsi kavumbitswe n’aba kera. Gahimbare aramushimira ati umugabo twari dukeneye ni uwo.
Miburo we yagendera mu bandi bagabo bahumbishijwe n’ivyeri bamucurarangira ngo agira kw’ikinga ry’abagore ngo n’aryirire nta mugore azomwenenako, Miburo aja na rwo ararigurisha, uwariguze yari yiketse ko rishobora kumugirira ingaruka mbi. Yagiye nk’umuyaga uhunga n’imbwa ntiyari kuja inyuma, ubu bivugwa ko yoba ageze mu za Gitega, kwicira amafaranga kuko yari umwubatsi, ubona ko iyo ntara yahavuye inaba umurwa mukuru wa poritike, akazi karaboneka. Muri SOKOROKA babimenye, Gahimbare aramurengutsa ntiyitaba. Avamwo amutorera abagabo baramurimarimika. Arakoma amashi biba ivy’ubusa kuko yari no mw’ideni yatse bazirikanye ingorane yarimwo. Yahavuye apfungwa.
Rya shirahamwe ryo ryagumye ritera imbere, mu ntango z’umwaka w’2019 ryari ryamaze gushirwa mu runani rw’amashirahamwe y’abarimyi rukorera i Bujumbura. Ntekumutwe ntiyari akiri wenyene, ba Sinderibuye, ba Nzirubusa, ba Bugabonimari, ba Suguru bose bari abagabo bamaze kwumva umugambi, benshi muri bo bakaba binjiye igihe bumviye ko na Ntekumutwe yinjiye. SOKOROKA ryubakishije uruzu runini ahabikwa ivyimburwa vyaryo ahandi na ho hakorerwa imanza, be rero n’ahabera ibiyago vyo gutsimbataza indero ndundi biyoborwa n’abapfakazi kandi abigeme, abagabo n’abasore benshi baravyishimiye. N’abasore nyene barigishwa ibijanye no gutunganya imigambi imbere yo kwiyumvira gushinga urwabo. Izo nyigisho kuva zije nta bahungu bacihebera itabi n’inzoga hamwe no gusambana. Icipfuzo kiguma kigaruka mu mutima w’uwigishirizwa muri SOKOROKA ni uko yoshimana n’uwarezwe n’abakurambere.
Mu birori vyo kwinjira icese iyo nzu, umukuru w’agacimbiri Ntirimeninda ni ho yari. Abanje kwatura no gusaba ikigongwe ko yigenjeje nabi mu kurenganya Gahimbare na we amuciramwo ngo narakurekuriye. Ni ho rero Gahimbare yashikiriza ijambo yagomba guheba ngo arire kubera umunezero abonye abanarugo bamukikuje abona uko umupfakazi yubashwe muri ico gihe agaruka mu ntango ry’ishingwa ry’iryo shirahamwe. Agira ati: Sinoronka amajambo yo kubashimira naciye muri vyinshi. Abanywanyi ba SOKOROKA nabaronse nka kurya umushenyi atora urukwi rumwerumwe agakwiza umuganda. Amaze kuwukwiza awuterera ku rutugu bene umurango babona, ico bikoze nshaje neza. Baca bavuza umugere bashirako akavyin