Igikorwa ciza cama na ntaryo kibereye gushimwa. Aho tugeza twashaka gukeza n’ugukenguruka iciyumviro catumye tugera kuri iyi ntambwe y’urwandiko rw’inkuru ziri muri iki gitabu. Ni vyo haraciye imyaka itanu hatanguye isemo nziza cane yo kwandika inkuru ziryohoye mu ntumbero yo kumenyereza n’ugukundisha abato n’abakuze gusoma n’ukwandika. Kukaba nkako, birigwa, bikamenyerwa ariko bikenera kwamizako. Nk’iyindi mirimo yose ngirakamaro kandi irama.
Muri Kaminuza y’Uburundi, ico ciyumviro catangujwe n’umwigisha HAVYARIMANA Aminadab maze abarongoye Ishure Kaminuza baca baba aba mbere mu kumufata mu mugongo bati tera imbere nk’umuzinga, intumbero ni nziza.
Gushika ubu, bene izo nkuru zavuye mw’ihiganwa ryataziriwe “Prix littéraire Rumuri” zahora zishikirizwa mu ndimi z’igifaranza n’icongereza gusa. Ubu rero hagiyemwo inkuru zanditwe mu rurimi rw’ikirundi. Ni intango nziza kandi y’ugukenguruka. Ni iyo gushigikira no guteza imbere kuko ari na bwo buryo bushemeye bwo guteza imbere ururimi rw’ikirundi hamwe n’ imigenzo n’imico y’ikirundi. Iyo ni na yo nzira nyayo yo gushikigira ururimi rwacu mu kurwandikamwo ivyo abantu biyumvira, ivyo bafise ku muzirikanyi kandi bashima kuyagira abandi biciye mu nyandiko.
Kukaba nkako, mu bihe vya none, kuyagira abandi ntivyogarukira mu majambo gusa, mu migani, mu gutita, mu gusokoranya, mu myibutsa, mu gutebura n’ukuvyaruranya canke no mu yandi mayagwa n’aho na vyo nyene ari nkenerwa.
Yvan Hezagira Ubu twarinjiye mw’iterambere ryo kwandika, Abarundi baravyigishijwe kandi barabimenya kurya bamenye gukina umupira, gukina amareresi, kuvuna isambwe, gucuraranga. Tubishizemwo umwete, ubwo buhinga bwo kwandika bwotera imbere nk’uko hari Abarundi bamwe bamwe bamaze kwerekana ko babishoboye. Nta nkeka ko babikesha ubwira n’umwete babikorana; nta wokwama avuga ngo biravukanwa. Tuboneyeho akaryo ko gukeza no guhimiriza abo bose babikerebutsemwo tukipfuza ko bobera akarorero abandi.
Ukwandika kujana n’ugusoma kuko nyene gukunda gusoma ni we nyene gukunda kwandika. Mu myaka iheze, abakunda gusoma barondera ikinyamakuru “RUSIZIRAMBERE” cahavuye gisubirirwa na “NDONGOZI”. Twovuga kandi n’abakurambere bagiye barandika mu kirundi canke bakandika bavuga ivyerekeye igihugu cacu. Benshi muri bo bayagira abantu n’amahanga, ibigize imico, akaranga n’imigenzo myiza y’Abarundi. Nka Patiri Micheli Kayoya, naho avyandika mu gifaransa, ayagira abandi ubuntu, ubuvyeyi, ubupfasoni, iteka, Imana n’ibindi. Gushika n’ubu ivyo yanditse biraratwa mu makungu, kuko bimwebimwe vyaranahinduwe mu zindi ndimi, mbere birigishwa hirya ni hino.
None izi nkuru dushikiriza twozivugako iki? Tuzisangamwo ibiki? Ubwa mbere twovuga ko atari imigani n’aho bishaka gusa.
Bene kwandika izi nkuru baraziremarema bafatiye ku vyabaye canke ibishobora kuba. Abavugwamwo barahabwa ijambo, bakagira ico bakora, ico bavuga maze nyene kuyandika akava ku ntango agashika kw’iherezo yirinda kuyicira hagati. Bene izo nkuru ziba ngufi, zikarangwa n’ako gatimagomba gatuma uwutanguye kuyisoma aguma ashaka kubandanya ngo aruhuke ayihejeje kandi amenye ingene ibivugwamwo bihera. Bene izi nkuru kandi zifatiye ku bisanzwe biriho mu mibano y’abantu no mu buzima bwabo, ziraheza zikigisha imigenzo myiza nk’akamaro k’amahoro, umwumvikano, ugufatana mu nda, ugusubiza hamwe, indero y’urwaruka, gukunda n’ugukundisha ibikorwa, kuvuga ukuri. Mu kwigisha iyo migenzo myiza bene izo nkuru zirarata intore kuko zivuga ivyo zakoze n’iciza zashitseko.
Ahandi na ho izo nkuru ziramiza yompi ingeso mbi nk’ububeshi, urwanko, ubunebwe, akaborerwe, ubuhumbu, ukutimenya, ukurenga ibigo, ukutisonera n’ukudasonera abandi, uburyarya n’ibindi.
Tubibonera mu nkuru zitatu zikurikira. Iya mbere ni iya Nyangemanya. Yari umupfasoni w’akarorero, arangwa n’ubwiza bw’umubiri, ubw’umutima bukaza burushirizaho kuko yarangwa n’ingeso nziza.
Yari afise umugabo w’imborerwa ariko ntiyigera amwararaza. Amaze kumusuruza mu kunywa ibiyeri ntabirihe, yatevye aja mu gisagara ajanywe na mugenzi wiwe Birori. Mu gisagara ntiyatevye kuronka akazi ariko na ho nyene yishinga abagenzi basangira gusa, umugore n’abana araheba. Yaratevye agarukana agatima ko kuja kubaraba. Abantu baramwizigiye bamurungikana amafaranga yo gutegura urubanza rwo kwakira abakwe. Ayo mafaranga ntiyigeze ayashikana. Yarayikozeko, mu nyuma aramaramara gushika aho ashima kwiyahura. Yahatowe n’umugore wiwe atigeze amugira uko yamugize, ariko we ntiyigeze acishwa ubwenge n’ivyamubayeko.
Inkuru igira kabiri yigana ivyashikiye inkumi yitwa Barashangwa. Mu ntango yari umwana agamburuka arangwa n’indero nziza. Mu kibano yari akarorero ku bakuze n’abato. Ntibwakeye kabiri Barashangwa yahenzwe na mugenzi we yitwa Ngendanzi akorokera mu buhumbu, amashure arata, aja mu vyo gukwegana n’abahungu, abavyeyi bamubura aho bamubonye. Izo ngeso mbi zamukwegeye akarambaraye we n’umuryango wiwe. Eka barayamaze ngo « umuhanuzi mubi angana umurozi ».
Ntakarutimana Pantaléon ashikiriza inkuru y’umupfasoni yitunye bugatondera kuko ata wamuha nirwere. Yarakengerwa, akagirizwa uburozi, akonesherezwa imbonankubone, akageramirwa n’abashaka kumushurashuza, mu rubanza agacirwa urwa ngondagonde n’abomutunganirije. Ivyamushikira vyose vyaramutuntuza kuko yabona ko umupfakazi atagira agateka nk’abandi bakenyezi bafise abagabo.
Yihebuye kera, Gahimbare yarabonye ko « abantu boba benshi » kuko mu nyuma yaronse intore imushigikira mu busaza no mu bupfakazi bwiwe. Bukebuke barafashanya bashinga ishirahamwe ry’abakenyezi. Iryo shirahamwe ryarateye imbere ritera iteka beneryo, riranagira uruhara mu gutsimbataza indero ndundi. Ibikorwa vyahabera vyayoborwa n’abapfakazi kandi abigeme, abagabo n’abasore baravyishimira. Gahimbare yahereje ku munezero mwinshi, abonye ko abanarugo bamukikije kandi ko umupfakazi yubashwe.
Inkuru bene izi ziryohera abazisoma na cane cane urwaruka kuko ruhacira akenge mbere rukahigira vyinshi. Ni akaryo keza ko kwimenyereza kuvuga no kwandika mu rurimi rw’amavukiro, dushaka kurukomeza n’ukurukingira ngo ntiruze ruzimangane. Turakeje bene kwandika izi nkuru kuko zatowe mu zindi nyinshi. Twipfuza ko mw’ihiganwa rizokurikira hoboneka urwaruka ruhurumbira ubu buhinga bwo kwandika mu Kirundi maze uwo muco ubone gushinga imizi iwacu nk’uko biri n’ahandi. Turizeye ko abazosoma izi nkuru bazoshira irungu maze bakahakura n’ishaka ryo guhimiriza no gufata mu mugongo ibikorwa vyiza nk’ibi.
Ibisomwa vyanditse mu kirundi biri muri iki gitabu vyihwejwe kandi bigomwa mu bisomwa icenda vyari vyitavye ihiganwa. Umugwi wavyihweje ukanabigomwa wari ugizwe n’aba bakurikira: Soma vyose