Ibisomwa vyanditse mu kirundi biri muri iki gitabu vyihwejwe kandi bigomwa mu bisomwa icenda vyari vyitavye ihiganwa. Umugwi wavyihweje ukanabigomwa wari ugizwe n’aba bakurikira:
• Pr. Domitien Nizigiyimana, Umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi mu Gisata c’Indimi n’Imigenzo vy’Abanyafirika, akaba umukuru w’umugwi; • Dr. Ferdinand Mberamihigo, Umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi mu Gisata c’Indimi n’Imigenzo vy’Abanyafirika, ari mu bagize uwo mugwi; • Pr. Gertrude Kazoviyo, Umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi mu Gisata c’Indimi n’Imigenzo vy’Abanyafirika, ari mu bagize uwo mugwi; • Soeur Marie-Goretti Nizigiyimana, Umwigisha w’Iseminari Nkuru ya Bujumbura, ari mu bagize uwo mugwi; • Dr. Pascal Tuyubahe, Umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi mu Gisata c’Indimi n’Imigenzo vy’Abanyafirika, ari mu bagize uwo mugwi; • M. Joseph Butoyi, Umwanditsi w’ibitabu, Umukuru w’Ishirahamwe ry’Abanditsi mu Burundi, ari mu bagize uwo mugwi.
Turashimiye mbere na mbere ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi ku ntererano idasanzwe mw’iringanizwa ry’iri higanwa Prix littéraire Rumuri.
Turakengurukiye Umuyobozi w’Ubushakashatsi muri Kaminuza y’Uburundi ku nama nziza n’akanya atahengeshanije kuturonsa mw’irangurwa ry’iki gikorwa.
Dushimire bivuye ku mutima ba Nyakwubahwa Bigisha badufashije bakaba mu mugwi wo kwihweza no kugomwa ibisomwa bitahukana aka gashimwe muri vyinshi vyari mw’ihiganwa.
Turashimiye kandi Abigisha Pr. Domitien Nizigiyimana na Joseph Butoyi Bafashije mw’ijambo ry’umutwe no mu gikorwa co gutosora ibi bisomwa.
Ntitwoheza tudashimiye cane abanyeshure bitavye iri higanwa ku mwanya mwiza bafashe ngo bamenyekanishe ibigize akaranga k’Uburundi babicishije mu bucurabwenge.
gikorwa ciza cama na ntaryo kibereye gushimwa. Aho tugeza twashaka gukeza n’ugukenguruka iciyumviro catumye tugera kuri iyi ntambwe y’urwandiko rw’inkuru ziri muri iki gitabu. Ni vyo haraciye imyaka itanu hatanguye isemo nziza cane yo kwandika inkuru ziryohoye mu ntumbero yo kumenyereza n’ugukundisha abato n’abakuze gusoma n’ukwandika. Kukaba nkako, birigwa, bikamenyerwa ariko bikenera kwamizako. Nk’iyindi mirimo yose ngirakamaro kandi irama. ... Soma vyose .