Ingendo y’uwundi iravuna
Vyanditswe na Thérence Hategekimana
Yari umwana w’akarorero, umwe abavyeyi bose bipfuza mugabo ntibaronke, umwe bita « katabona bose ». Yaragamburuka bimwe bidasanzwe. Na cane cane yarayoboka abavyeyi bamwibarutse. Barakunda kumuha impanuro mu gihe bicaranye n’abo mu nzu, bateramye, batera ryarenga, mu kurindira ko imfungurwa batetse zisha, mu kurindira ko amashiga atura. Kukaba nkako, bari bamwibarutse barihebuye, barazeye inze, baca bamuronka ari rudende rwa nege.
Kw’ishure yama atahana amanota ashize iceyi. Amwe benshi bipfuza, mugabo ntibaronke. Ivyo na vyo vyatuma abavyeyi biwe basumbiriza kumukunda narirya yama yatahanye utuganuke two kumutera intege.Barashangwa yiga kw’ishure riri mu minyaganyaga mu Ruyigi ariko nticabuza ko asumvya abanyamuji. Agiye kw’ishure ibirometero bibiri yabigira akararanye n’imboga. Abigisha baramushima cane. Yari inka n’imirima. Ntiyakoma mw’isomero. Yarasigurira bagenzi be mu gihe hari ivyigwa baba batategereye neza mu mwanya w’isomero. Uwo mwana na we si uwundi, ni Barashangwa.
Barashangwa yari umukobwa w’uruhanga ruhanitse, w’imishatsi ihagaze, w’amaso nk’inyana, amenyo nk’intaragande ntibagiye inyinyi ica agatete abo amwenyuriye. Utera umanuka nk’uwuja ku maguru, igikiriza ciwe wamenga ni irembo ryuzuye imihongero. Ibiganza vyiwe wamengo ni ubwato bw’inyambo. Yari afise mu nda hanywabuye. Yemwe, muri rusangi, yasa n’amazi yo kw’iteke. Abantu bamutazira zuba ry’ijoro, Muziragahinda, Bizirumwavyi, amazina agaragaza ubwiza n’ubutore. Barashangwa nti yari umwana cari igitangaza. Yari n’urukenyerero abasore bamubona bagasunikana bamurondera. Yaratera intambwe abasore bagacishiriza. Imitima ikagomba kubacamwo. Naho aba kera bayamaze ngo “Ubwiza bukwanse buja ku nyo”, emwe ubwo bwiza kwa Baranshingwa ntibwari bwatanzwe narirya bwari bufise agasunuzo kabwo. Ako na ko akaba ari amaguru manini kandi y’imirundi izira impfundo n’urugaragamba. Ku bw’umutima, uwamwise Muziragahinda ntiyabeshe.Ntiyanyinyirwa, nta mwansi iwe, nta mukunzi, bose yarabamwenyurira kumwe kw’igitwengera abarozi. Barashangwa mu kibano yaboneka nk’akarorero ku bakuze n’abato, abasore n’inkumi. Hari kuri bose kuko ntiyari azi gutegekwa ico akora. We nyene yaravyibwira akabikorana ubwira n’ubukerebutsi. Kubera yera ku mutima kandi akama yatwawe n’ivyo bikorwa vyinshi, Barashangwa yari azi ko abantu bose ari beza, ko ata nkozi z’ikibi zibaho. Kukaba nkako yabona uko ameze ati n’abandi ni uku. Yaramutsa bose, yubaha bose. Inyuma y’ivyigwa, nta bindi bintu vyinshi, na cane cane amakuba akunda gushikira abigeme beza nka we yari azi. Kanatsinda yari Umuzezwanzu abushitse, yaguma atunganya ivyo mu nzu canke akitaho ivyigwa gusa. Ibiba hanze yarabaza. Mbega none ubwo butore bw’umubiri n’umutima yaravyamanye kugeza aheze amashure canke yubake urwiwe ? Mbega yarashoboye kwigumya imbere y’amajambo asosa y’abamushashaye? Yarashoboye kwihanganira ivyakaka nk’imigufu y’inzahabu canke utundi tuganuke tugezweho tw’abamwipfuza kugeza aho boheba utwabo twose ? Mbega uko bagenzi biwe bashaza ntibizomutirimutsa umutima maze akaba uwundi ? Barashangwa ageze mu mwaka w’icumi na kabiri iyo yiga ruguru akaba afise umugenzi yitwa Ngendanzi bigana ruguru ariko wewe arahava aravayo aja kwiga ahandi. Uyu Ngendanzi yari afise umuhungu bakundana ariko Barashangwa we nta we yari afise kandi ntivyamutirimutsa namba. 15 Umunsi umwe, hari ku wa gatandatu bari mu munsi mukuru wo kurangiza umwaka, Barashangwa abona ingene Ngendanzi aberewe biramuhimbara. Abona ikirezi yambaye mwizosi, impuzu z’agaciro noneho aramwegera barayaga. Bateye rya renga umwanya utari muto Ngendanzi abwira Barashangwa ko ivyo abona vyose abikesha umukunzi wiwe. Barashangwa ngo avyumve ati jeho nta we mfise. Ngendanzi akivyumva atangura gutwenga n’agahemo kenshi, n’ubwirasi bukabije. - Hehehe, mbega harya twagendana ata muhungu ufise mukundana? - Emwe nta vy’ abahungu nzi. - Ehe raba iki kirezi nambaye mw’izosi! Nagihawe n’umukunzi wanje! Muhira nta kintu nkibagoza. Ngendanzi arabandanya amubwira n’agahemo kenshi. - Ni vyo? - Aransohokana tukaja kunezerwa, tukanywa, tugafungura, tukaja mu biteramo. Ivyo ankorera ni akaroruhore! - Ivyo vyose! Jewe nibaza ko ushikuza! - Shikuriza hiyo wewe. Nawe ngo uri umukobwa mwiza kandi ubayeho wigenga nk’agati kari mu mazi! Uratangaje pe! Abarundi bavuze bati: "Umuhanuzi mubi angana umurozi," ntibabeshe namba! Barashangwa ng’uyo amatwi arashinga ati Ngendanzi ukuri ambwiye ntikugabanije. Nta bwiza mbuze! Bukeye kabiri atangura kwiyumvira ingene yobigenza kugira na we ajane n’ibihe. Barashangwa atangura kwiga ingene yobesha abavyeyi ngo aronke amahera aberwe nk’abandi. Ashitse i muhira asaba amafaranga abavyeyi biwe na bo kuko batari bazi ico agomba kuyakoza, bamukunda cane ntibijijanije imitima namba. Ntibatevye kuyamuha. Umunsi w’isoko ugeze asimbirayo, ubona ko ububangutsi cari mu bimuranga, agura ikanzu nk’imwe yabonana Ngendanzi. Ayo agarukanye aca arayazana aja guhimbuza ikanzu ndende yahora ajana kw ’ishure ayigira ngufi. Ayigeza haruguru y’amavi kumwe impuzu za Ngendanzi zari zimeze. Umunsi wa mbere asubiye kw’ishure ahura na Ngendanzi yambaye ya mpuzu yacisha bararamukanya akimubona agatwengo karamwica batangura kuyaga n’akamwemwe kenshi. - Barashangwa, uraberewe uko ntokubwira! Ng’uyo Ngendazi aramubwiye - Ni vyo? Nibaza ko ari agahemo! - Ni ukuri kakaba agahemo. Uzi ingene ufise amaguru meza ugaca uyanyegeza! - Ni vyo? Erega sinari bwirabe neza! Uwambaye ikirezi ntamenya ko cera! - Ivyo kuvuta ni ivy’ aba ruguru ni ukuri, erega turi mu gisagara! - Mbega mama wanje ko nakuriye mu rufuri, ivyiza vy’igisagara nobimenya gute ? - None ubu ntitwamenyanye? Za uraraba ingene bampurumbira bose. - Mugabo numva mfise ubwoba bwinshi. Papa aranka abana bambara impuzu ngufi! Wumva niyambona atankarira? - Haaaah! Umurondo w’imyaka mirongo ibiri n’itanu aracatukwa nk’umwana? Ntukiri uruhinja, ba ubona kure. Nibo bazokuronderera umugabo? Uraguma muhira ngo bizizana! - Abavyeyi bashaka sha ngo ngume muhira ngo Nta mwigeme w’agahinga. Ngo nohava ndahakura ingeso mbi mu bagenzi. - Erega ni co bashaka nyene ko uguma ukora muhira! Jewe nta ndero mfise rero? Udatembera uguma uri ikijuju. Nta bigezweho umenya. - Uzi iyo ndenze irembo ari uwunguriye agafanta ingene baguma bampamagara? - Ntiwumva none ko uri umupfungwa? 16 - Mbaye nkawe kungumiza mu nzu nta ciza ndabibonamwo ngiye guhindura. - Iyo ushitse ukumva bagomba kugutuka, urihorera naje ntitwishurana! Ugira ntibaca bahora! Abaho hambere bati “akosho kosha imbwa kwima katari buyivutire », mbega inyuma yo kuba ikinani ku bavyeyi agakurikira amohe ya Ngendanzi yarerewe? Ukwezi kwa Nyakanga kurageze amashure aratangura. Barashangwa abandi bigeme bakiza kumusanganira akabaraba irarirari, akagaye ari kose. Abahungu bo yarabasuzugura n’uwo avugishije ntiyamurenze ijambo rimwe ati wewe ntitungana. Abo bigana batangura kwibaza igituma yarahindutse. Bukeye baja babona atanguye kuzana impuzu ngufi, ivyababereye bishasha mu maso yabo kuri uyo murondo aronderwa n’abaganwa, atatse ubwiza nk’igisabo c’i bwami. Amahinduka kuri Barashangwa atangura kuba mu ngendo, mu ndabo, akaguma aca imbere y’imisore na bo bakamwitegereza intege ziwe, intwego yiwe bakabura uko bifata. Abigisha ngo babone ingene asigaye yambara babishikiriza umuyobozi. Na we yaciye amuhanura rimwe, kabiri, gatatu, mugabo ararengwa kuko akagwi k’abigeme bashushe yarimwo karusha inguvu umuyobozi mu kumwosha na we. Na we ati noba ngwanye nabi ahitamwo kumwirukana. Barashangwa atashe agenda ariyumvira uko ahava abigenza, ico ahava abwira abavyeyi biwe bimuta i gati. Ashitse mu nzira akenge karaza, yiganira umugabo bahuye ivyamushikiye aca amusaba ko yoja kumuvugira mu kibanza c’umuvyeyi wiwe. Aca amukubita inoti y’ibihumbi bitanu. Wa mugabo aremera aragenda kwanguha. Bati “ imbwa ntisuma n’iyo isumye ntishikana”, mbega ico kinyoma camaze umwanya ungana gute? Uyo mugabo atowe mw’ibarabara ntiyari azi izina ry’uwo agiye kuvugira. Ashitse kw’ishure aradodora ku rugi rw’umuyobozi, na we aramuha kaze. Barashingwa agize ngo aramukurikira, wa muyobozi amuha itegeko ryo kurindira. Na we ntiyahigima kanatsinda itegeko ry’umukuru riraremereye nk’amabuye. Maze wa mugabo arinjira, araramutsa umuyobozi imbere y’uko avyagira mu nyegamo y’abashitsi. Wa muyobozi ntiyashotse amuvugisha, yarabanje kwitoza utunyonyi, yongera yikorera ivyo yariko arakora kandi aza arakubitizako rumwe kuri wa mugabo araba utwo yigira. Na we icuya kiramurenga kuko ubushuhe butari ikirenga, ata ukuboko, ata ukuguru, yikorakora ku munwa no ku mazuru, yongera yiyegeranya nk’umwigeme w’isoni. Haciye akanya katari gato wa mutama aza yumva : - Mbe wa mutama, ugenzwa n’amaki? - Je, jewe, nari nje kuvugira uyo mwigeme mubona…. - Yitwa ngw’iki ? Se yitwa ngw’iki ? - Yitwa Kanyana, se nawe ni Magorwa ? - Nta soni ! Uvugira uwo utazi izina ntumenye na se yamwibarutsa ! Mbega yemwe nta za nyamiramabi mwombonera. - Ngirira ikigongwe. Ngirira ikigongwe nyakubahwa. Ng’uyo wa mugabo arapfukamye, aratakamba asaba ikigongwe . Wa muyobozi aramwihweza ingene arya ivyakazi, ingene ata ubwoko ati : - Usanze vyagiye guhiga nayo ahandi wawuraramwo. - Murakoze muyobozi ! Murakoze. - Mvira mu biro. Bwira iryo sheshe ry’umwigeme uti yagutumye so ntiyagutumye umuyaga uhita. Wa mugabo aca asohoka amaramara arya ivyatsi, mbere aratsitara imbere y’urugi rw’umuyobozi kandi ata vyatsi vyariho. Umuyobozi na we yamubona agatwengo karamwegura. Barashangwa na we wamengo ijuru ryamwubamyeko. Si we yabonye ararenze ibigo vy’ishure aho ata maso y’abarezi canke y’abarerwa yamubona. Batambutse kabiri ntiyabonye aho uyo mugabo azimanganiye. Abura ya mahera, abura n’ikigongwe c’umuyobozi. 17 Akiva kw’ishure ico kirezi c’umuzezwanzu ahura n’umusore aramuhagarika baraganira, ikiyago kiba umunoni kugeza aho bubahwibirirako. Imbere yo gusezerana ntibibagiye guhana umunsi bazosubira kubonanirako. Barashangwa nawe ati unkubise nashaka kurira narirya ivy’ amashure vyari bimpanze. Kuri we yabona ko ubwo bucuti bugiye kumubera icanzo c’urukundo, eka mbere n’amahirwe muri kazoza. Wa munsi w’isango uragera, wa musore akibona Barashangwa atangur kumuryosharyosha amusaba urukundo ati:"Gisabo gisize agahama gahamagara abahita bagahita bagikuyakuya! Uri mwiza wirukana umwiza imbere yanje! Ufise ubwiza buruta ubw’igisagara icompa ukansasira noshima." Barashangwa ngo yumve ingene amutazira amugwa munda ati: "Ndi uwawe musore mwiza!" Kw’igenekerezo rya cumi na kane ukwezi kwa kabiri, umunsi w’abakundana uragera. Umukunzi wa Barashangwa aramutumako kugira bawuhimbarize hamwe. Barashangwa ngo abone ubwo butumire ati uyo munsi ntiwoncika ntegerezwa kuwuhimbaza nk’abandi hamwe n’umukunzi wanje Mponyumuryango. Baragenda baranezerwa, baranywa baraheza mbere baja no muri za nzu z’ubutambiro, zimwe kenshi zugaye hose, zimwe bita akabwati. Bashitseyo, Barashangwa yatangajwe n’umwakaka w’amatara y’ubwoko bwinshi yakaka nk’umwerasi, ahandi agatukura, ahandi na ho agasa n’urwatsi rubisi, mu nyuma agahindura amasura kugeza aho umenga bose barakaka. Baratamvye, barongera baranywa, amasaha yitereye, Mponyumuryango asaba Barashangwa ko botahana, na we ntiyahigima narirya yari yamushuhije mu kumukorakora mu mishatsi, mu mabere n’ahandi kugeza amugira agatete, akajuju, akarimarirenze. Ng’abo baratashe. Wa musore afata itagisi mpaka no muhira iwe. Bashitse arugurura, aca atumbereza Barashingwa mu cumba iwe. Wa musore, adatevye, yaciye amukoba izo yambaye, na we atega umutwe nk’umumobwa. Na we bidatevye agira nk’uko. Mu kanya gakurikira baca baja muri wajahe wavahe ata nkinzo n’imwe y’impanuka y’inda y’indaro canke za ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka bitwaje. Ngabo barararanye, bariryoheye, baratwenga, barasubira kuvungurana kugeza mu bucagucagu. Bukeye Barashangwa arataha iwabo asa n’uwaraye arakinda. Abavyeyi bamukubiseko ijisho barumirwa. Bamubajije iyo yaraye n’ivyo yarayemwo nta kajambo yabishuye uretse ko yabarenganye akaja kuryama. Ntihaciye kabiri ni ho yumva agunyurwa yongera acika umugongo, acika intege, aciragura umwanya uwo ari wo wose, mugabo ntamenye ivyo ari vyo. Agiye kwa muganga akubitwa n’inkuba kubera inkuru y’agacamugongo yari amubwiye. Na yo ntiyari iyindi: muganga yamubwiye ko yibungenze. Aho ni aho atongeyeko na ca kiza Sida n’izindi ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ashobora kuba yaravyanduye. Barashangwa atangura kugira agahinda arondera Mponyumuryango ngo amubwire ko yasamye. Babonanye, Barashangwa atangura kurira amosozi aracuncubuka na we aja mu vyo kumuhoza. Hanyuma aramubwira k’afise imbanyi yiwe. Mponyumuryango akivyumvya arahinduka mu maso atangura kwiyumvira ingene azobigenza na we nyene bimubera insigarabwenge, bimuta ku w’amazi, ati intenderi irasheshe umuti. Aba kera ni bo bayamaze bati “umanika agatu wicaye mu kukamanura ugahaguruka”, Barashangwa biri bumukomerane! Amaze gutwara iyo nda y’ishushu ntiyorohewe na gato. Ku mutima yamana agahinda, igipfungu, amaganya adahera. Mu maso hama umwiza. Ahari akamwemwe ka minsi yose hama umujinya utanyinyuka. Umwiheje yasa n’agakecuru kagwaye agahinda kubera abako bagahezeko, kubera katakigira ic’epfo ntikagire ica ruguru. Ku mubiri na ho nyene ntiyari akiri ya nkumi iseruka imitima y’abasore igahungabana, ya nkumi yatambuka abasore 18 bagahusha inzira bamukurikira ngo barabe ko umutima wotekana. Uko iminsi yahaca wabona aseruka. Wa mubiri wiwe utotahaye wari usigaye wumye nk’urukwi rwo gucana. Yarisiga amavuta ntamufate. Iminwa, naho yagerageza kuyisiga twa tuvuta duharawe, yama igumye kumwe kw’ibuye ry’isare. Mu nyuma aronda asigara ku magufa.Abavyeyi, na cane cane nyina yamuteye igise, vyabateye agahinda kadacika. Se, narirya yari umukirisu akomeye akongera akaba n’umushingantahe yubashwe cane, ntiyigeze yumva ko ako kamaramaza koshikira umuryango wiwe. Mu kuvyunyura vyose yabita kuri nyina wa Barashingwa. Kuri we, yarahemutse kw’ibanga ry’umukenyezi mu kudaha indero ikwiye Barashangwa. Ntiyasiba kubatuka, ntiyahengeshanya kubumvisha ko ata gashambara acambaye kubera indero nke yabo. Ntiyasiba kubaturubika kugeza aho nyina wiwe ahitamwo guhungira iwabo, Barashangwa na we aromoka. Inzira yajanye nta wuyizi. Wa se utanka, ubona ko yari umugabo akunda ibigororotse, biramunanira kwihanganira iryo vumwe ryashikiye urugo rwiwe, maze ahitamwo kwiyahura. Haciye iminsi, ni ho Barashangwa yahwana na Ngendanzi avuye kw’ishure ryitiriwe Ikiyaga Tanganyiga, bahurira imbere y’ibitaro Prince Régent Charles. Mu ntango Ngendazi ntiyigeze amuca n’ikanda ko yoba yibungenze. Kukaba nkako, utamwihweje cane vyari bigoye kumumenya. Yari yarasangutse. Yari asigaye ku mutwe nk’ubuhiri. Mugabo Ngendazi yari akiri wa wundi. Yari acambara utujipo tumwe dusiga amaguru ku murara akabonwa n’abahita bose. Naho ata mishatsi myinshi yari afise nkumbure kubera itegeko ry’Umushikiranganji w’Indero w’ico gihe, yari afise mu maso haremvye, hatotahaye, mbere n’agahama kariko, ingohe na zo zari zimoye. Emwe yari akiri inkumi ihageze, imwe bita juru rya kugwa. - Yemwe, yemwe! Mbega mwoba muri Ngendazi? Barashangwa amwakura. - Ego mupfasoni. Mugabo sinabamenye? - Ni vyo. Yoooh! Ivy’isi ni amayobera wangu. - None muri bande? - Yooooo! Wanyibagiye! Ndi Barashangwa. - Barashangwa! Yoooo! Mbe wariwe n’iki? - Yemwe vyoyaga abicaye! - None uriko ukora iki ngaha? - Nabuze iyo nja n’iyo mva! Aramwishura amosozi y’icuncubura. - Sawa. Taximan, taximan, wodutwara mu Ngagara ? - Ego. Wa mwunguruji w’abantu aremera. - Injira Barashangwa : Yumva Ngendazi aramubwiye. Arinjira atazi iyo mugenziwe amujanye. Baragenda, binjira mw’ibarabara ryitiriwe Peuple Murundi, barabandanya mpaka mu Ngagara, mw’ikaritiye ya gatanu. Maze Ngendazi arariha, hanyuma binjira mu rupangu. Barashangwa yari azi ko amutwaye iwabo. Mugabo asanga ni urupangu rurimwo abakobwa bavyaye amashushu, abandi bayakoroye. - Heheheee! Mwabonye umushitsi! Umwe muri bo atangura kumwenyura. Barashangwa ubwoba buramutera. - Abagabo ni uko wangu. Musangira akaryoshe, akabisi ukimenya. Uwundi arasubira. - Muhe ico afungura. Hari uwutazi ko abagabo n’uguhemukira abigeme bijana ? Ngendazi arababwira. Haciye akanya barazimana Barashangwa, bongera barayaga na Ngendazi. - Mbwira rero ; ni ibiki vyakuriye? - Mponyumuryango yaherutse kwumva ko mfise inda yiwe aca aranta, arazimangana. - None wewe mwaryamanye utikingiye? - Ego. None ko yabanje kumboreza ntamenye ivyakurikiye. - Ipu numa. Twebwe ntituzinywa iminsi yose ? Mugabo tuguma twicungera. - Nagira ngo Mponyumuryango arankunda. 19 - Ni nde yaguhenze ko abagabo bakunda ? Bakunda ubwiza bwacu, buduhezeko bagaca baduta nk’akanuka. Abagabo ntibakunda baramenyera hewe. - Emwe nta co ubeshemwo. - Nta co. Naho nivugisha na je vyarashinkiye. Mugabo naciye ndayikorora hanyuma nisubirira kw’ishure. - Ni vyo? - Ego. Canke ugomba kuvyara umwana nk’abo ubona hama wame wihigira abagabo atamashure ari ku mutwe wawe. - Oya. Nshaka kwisubirira kw’ishure. - Sawa. Ryama uruhuke ejo mu gatondo nzokujana mu Buyenzi hariho umunganga karuhariwe mu gukorora imbanyi. - Ivyo ni vyo ? - Ego cane. Barashangwa yaciye agarura icizere ko agiye gusubira kwicara ku ntebe y’ishure. Naho amakosa yiwe yari yatumye se na nyina batana, yabona ko azokora uko ashoboye kwose akabahuza. Mu gihe yocika kw’icumu, yiyumvira ko azoca aheba ubuhumbu maze akitwararika ivyigwa gusa gushika muri kaminuza, hanyuma yubake urwiwe maze arondoke. Naho yabona ko kazoza kiwe gashobora gusubira gutora inzira nticabujije ko arara maso, nticabujije ko arara aricuza. Aravye inzu Ngendazi yari yamusabiyemwo indaro, yayigereranya n’inzu y’amashetani. Muti kuki? Uko umwanya uhaciye yabona hinjira abagabo, abandi basohoka, abandi bakwegana n’abakenyezi, bakurana agashambara imbere y’abana, basubira basoma amacupa y’ibiyeri; haca umwanya bagatyozanya, mbere imigere n’ingumu bikajamwo. Yihweje abo bana bakuriye muri uwo mwijima, yaribaza kazoza kabo bikamusiga. Ijoro nka ryose yaraye arisiba, yongera asiba Ngendazi we yamukwegeye mu buhumbu, mugabo ntiyubahuka kubimubwira. Kukaba nkako, we yari azi kububamwo, n’ikivyerekana yari afise amagara meza kandi ariko akurikirana amashure yiwe. Gushika isaha icenda z’ijoro yararushe aratora agatiro, ni ho yaruhuka ico gihuhusi c’ivyiyumviro bibi. Mu gatondo, isaha cumi n’imwe n’inusu ni ho yaza yumva Ngendanzi adodora ku rugi rw’icumba yarimwo. Ubwoba buramutekera, maze aravyuka arugurura. - Mbega uracariko urabondogotwa ? - Erega ni ho nari ngitora agatiro? - Ni igigiki cakubujije gusisnzira. Wararanye n’umugabo ? - Mbega Mana, naho abagabo bakunda abagore, ubona hari uwotumbera umuzimu nkanje! - Ihute kwambara, hari umwunguruji aturindiriye kw’irembo. Kandi dutevye aguma yongerako amahera. - Reka mama we nyarutse. Barashangwa arishura kandi aca yambara ikanzu yari hafi yihutira guhamvya Ngendanzi adakaravye no mu maso. Na we yari aza yicaye mu modoka y’umwunguruji. Adatevye arinjira, umwunguruji arayatsa aca arayitwara mpaka mu Buyenzi aho hakorera umugabo Kajisho yiyita umuganga karuhariwe mu gukorora imbanyi. Aho baca hosi nta na hamwe Barashangwa yari azi. Yakurikira nk’intama ikurikira umwungere wayo mugabo itazi ko ayitwaye ku macuniro canke ku cuhiro. Haciye akanya gato, ni ho yabona binjira mu rupango rwugaye hose. Baradodora barabugururira. Imodoka y’umwunguruji irinjira. Ngendanzi aca amubwira ko yomurindira. Maze aremera. Na we aca afata ukuboko Baranshangwa, barinjira. Acinjira ahumuka ku murongo w’abagore n’abigeme batonze kwa muganga Kajisho. Benshi bari bibugenze abandi ntivyagaragara. Icatangaje Barashangwa ni uko Ngendanzi atatonze nk’abandi yaciye arangurura no kwa Muganga Kajisho atabanje n’ugusaba uruhusha uwujejwe kwakira abantu n’ukubereka iyo baja. 20 Haciye akanya isase aca aragaruka afata ukuboko Barashingwa baca barinjira kwa muganga Kajisho nawe arabaha intebe baricara. Abarundi b’aho hahise bavuze bati “agahabwa i Nyamitagari hahiye amasuka imihini igasigara”, Erega Ngendanzi ntiyasubiye kuvuga i kirundi na Kajisho! Yaciye ayagisha muganga Kajisho mu giswahili gusa. Urwo narwo rwaramusiga. Barashangwa ? Nta na “ndiyo bwana” yari azi. Adatevye Ngendanzi yaciye amusiga kwa Kajisho aca amubwira ko agiye kw’ishure kandi ata n’umwambaro w’ishure yari yambaye. - Mbega none urantaye ga Ngenda ? Barashangwa aramubaza amosozi akoragurika ku matama. - Ndagute nkagutana muganga! Rinda, umugabo we ntiwamurinze ? - Tekana mupfaso, vyose turabigushoborera. Kajisho aramuremesha. Barashangwa aboneka nk’uwutekanye ku jisho ariko mu mutima yasa n’ubwije. Ngendanzi aragiye Kajisho na we aja ku kazi kiwe. Ivyakurikiye ntiyabonye vyinshi kiretse uwamubwiye ko yikoba zose agaca amusinziriza. Haciye amasaha atandatu ni ho yikangura aza abona imbere y’igitanda hicaye muganga Kajisho na Ngendanzi. - Mupfaso, ukubagwa kwawe ntikwagenze neza mugabo ntikwagenze nabi ko kutaguhitanye. - None mushatse kumbwira iki ga muganga ? - Ni ukuvuga ko uzopfa udasubiye gusama imbanyi. - Nzopfa ntasubiye gusama muganga ? - Ego kubera igitereko cawe carononekaye duhitamwo kugikura muri wewe kugira ntupfe. - Iyo mupfuma mundeka ngapfa! Yoooooooh. - Ugapfa ? - Yooooooooooooh. Muvuze ko nzorinda mpfa ntonkeje ikibondo ? Mbega Mana mbaye uwa nde! Ko mwantwaye ubugore none mugomba nzobeho gute? - Uzoca uba umubikira. - Umubikira! Ni nde yakubwiye ko mu kibikira bakira ibicibwa vy’abakobwa! Ewe Ngendanzi urakankoreye! Ewe Ngendanzi! Ewe Nganda…..! - Wagenda wasamye ukibaza ko abagabo bafyina! Emera uwunywe ni ho uzoca ubwenge - Yoooooooooooooh! Yaciye ata induru ku munwa naho ata tugara yagira. Wa Ngendanzi na muganga Kajisho baciye bazimangana. Barashangwa asigara ararira yongera yicuza, yisiba, yisubira, yisibanganya. “ Ewe gukurikira ubwije”, “Ewe gukurikira Nyaringa”. Ng’ayo amajambo yaraye aravuga. Muri iryo joro nyene, imbere y’uko inyoni zitangura kuririmba, yaciye afata imiti bamuhaye, ashira mu kirahuri iyirenze igipimo ca muganga arayimira ica iramuhitana arasandaba.